IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 20 Mukakaro

20 Mukakaro

dimanche 19 Mukakaro 2015

Igenekerezo rya 20 Mukakaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

514: Hormisdas atangura amabanga yo kuba papa.

1951: Igandagurwa ry’umwami wa Jordanie, Abdallah wa 1.

1969: Ikigendajuru Appollo 11 kirarukira ku Zuba ubwa mbere.

1998: Jigme Thinley aba umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Bhoutan.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

356, imbere y’’ivuka rya J-C: Alexandre le Grand, umwami wa Macédoine.

1864: Erik Axel Karlfeldt, umwanditsi w’ivyivugo wo muri Swede yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muvyo kwandika mu 1931.

1897: Tazeusz Reichstein, umuhinga muri chimie akomoka muri Pologne. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muvyo ubuvuzi mu 1950.

1933: Buddy Knox, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’igitari w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1031: Robert wa 2, umwami w’Ubufaransa.

1870: Jules de Goncourt, umwanditsi w’umufaransa.

1937: Guglielmo Marconi, umuhinga muri physique akaba n’uwukorera utwiwe w’umutariyano. Niwe yazanye ubuhinga bwatumye hashobora kubaho iradiyo.

1945: Paul Valéry, umwanditsi w’umufaransa yari mu murwi wabagize icitwa « Académie française », urwego rujejwe kuryohora ururimi rw’igifaransa.

1973: Bruce Lee, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Argentine, Brésil, Uruguay: Umunsi wahariwe abagenzi.

. Colombie: Umunsi mukuru wo kwikukira. Bibuka ukwikukira kwico gihugu vyabaye mu 1810, aho bikuye kugakanu igihugu ca Espagne.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.