Accueil > Amakuru > Akahise > 20 Rusama
 20 Rusama
  20 Rusama
				
				lundi 20 Rusama 2013
Igenekerezo rya 20 Rusama niumunsi ugira 140 w’umwaka w’2013. Hasigaye
iminsi 225 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze iri tarike
1293: Umwami Sanche IV w’i Castille atanguza Kaminuza ya Complutense y’i Mardid.
1498: Umukerarugendo Vasco de Gama ashika mu Buhindi.
1631: Igisagara ca Magdebourg kirafatwa n’umujenerare yitwa Tilly. Aho
hari mu ndwano bataziriye iyimyaka 30.
1873: Levi Strauss na Jacob Davis bahabwa icete cemeza ko aribo
batanguje bleu-jeans.
1902: Izinga rya Cuba ririkukira.
1932: Umudereva w’indega w’umunyamerikakazi Amelia Earhart aba
uwambere ahawe ikidari kuba ariwe mu dereva w’igistina gore ashoboye
kujabuka ibahari Atlantique mu ndege ariko arayitwara wenyene.
1948: Tchang Kaï-chek aba umukuru wa Repubrika y’Ubushinwa.
1983: Ikinyamakuru c’abanyamerika SCIENCE  gisohora urwandiko rushira
ahabona ko abashakashatsi baba faransa batoye virus ya VIH.
1990: Muri Rumaniya haba amatora ya mbere akozwe mu mwidegemvyo
inyuma y’imyaka 50. Aho haciye hatirwa Ion Iliescu ngo abe umukuru
wico gihugu.
2002: Timor y’Ubuseruko kiba ugihugu c’igenga. Inyuma yo kwikukira
kikikurako Indoneziya umukoroni waco.utse
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1743: Toussaint Louverture, umwe mu ntwari zaharaniye ukwikukira
kw’igihugu ca Haiti.
1799: Honoré de Balzac, umwanditsi w’umufaransa.
 
1860: Eduard Buchner, umushakashatsi muri chimie w’umudagi. Yaronse
agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu mwaka w’1907.
1908: James Stewart, umwanditsi w’umunyamerika.
1913: William Hewlett, umuhinga w’umunyamerika. Umwe  mubatanguje
imashini z’inyabwonko zo mu bwoko bwa HP.
1952: Roger Milla, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Cameroun.
 
1959: Israel Kamakawiwo’ole, umuririmvyi wo muri Hawai.
1960: Tony Goldwyn, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.
1982: Petr Cech, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Repubrika ya Tchèque.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1506: Chrisophe Colomb, umukerarugendo akomoka mu Butariyano.
 
1648: Ladislas IV Vasa, umwami wo muri Pologne.
1997: Virgilio Barco Vargas, yabaye  umukuru w’igihugu ca Colombiya
kuva 1986 gushika 1990.
Ibihimbazwa
. Cameroun: Umunsi mukuru w’igihugu.
. Timor y’Ubuseruko: Umunsi mukuru w’ukwikukira.
Luc Noel Ingabire
