Accueil > Amakuru > Akahise > 24 Rusama
 24 Rusama
 24 Rusama
				
				vendredi 24 Rusama 2013
Igenekerezo rya 24 Rusama ni umunsi ugira 144 w’umwaka w’2013.
Hasigaye iminsi 221 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze iri tarike
1086: Itorwa rya papa Vigitori wa 3.
1626: Peter Minuit agura akazinga ka Manhattan ubu hari igisagara ca New York.
1797: James Wilson atora izinga rishasha ryitwa Mangareva.
1844: Harungikwa ubwa mbere ubutumwa mu buryo bwa teregrafe
hakoreshejwe indome zo mu rukurikirane rwa morze. Urutonde rwaangujwe
n’uwitwa Samuel Morse. Ubwo butumwa bwri ubu bukurikira: “ N’iki Imana
itocura?”.
1883: Ikigitarurwa ca Brooklyn kiri i New York kirugururwa icese
inyumay’imyaka 14 camaze cubakwa.
 
1993: Igihugu ca Eritreya kirikukira.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1686: Daniel Gabriel Fahrenheit, umudagi w’umuhinga muri physique
yatanguje urugero ry’ubushuhe rwitiriwe izina ryiwe (Fahrenheit).
1819: Vigitoriya, umwamikazi w’Ubwongereza.
1905: Mikhaïl Cholokhov, umwanditsi w’umurusiya yaronse agashimwe
k’ubwanditsi kitiriwe Nobel mu 1965.
1941: Bob Dylan ( Robert Zimmerman), umuririmvyi w’umunyamerika
aririmba mu mudiho wa folk
1945: Priscille Beaulieu, umutambukanyi wa Elvis Presley.
1976: Mokobé, umwe mubagize imirwi y’abaririmvyi Mafia K’1 Fry na n’umurwy 113.
1979: Tracy McGrady, umukinyi wa basket w’umunyamerika.
 
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1543: Nicolas Copernic, umuhinga muvyo ibigendajuru akomoka muri Pologne.
 
1903: Marcel Renault, umuhinga muvyerekeye ama modokari. Yanashinze
ihinguriro rikora imiduga ifise izina ryiwe. Akaba ari umufaransa.
 
1995: Harold Wilson, umunyaporotoke w’umwongereza.
Ibihimbazwa
. Bulgarie: Umunsi wahariwe indero n’umuco hamwe n’ukwandika.
. Bermudes: Umunsi mukuru w’igihugu.
. Eritreya: Umunsi mukuru w’igihugu n’uwo kwikukira.
. Ubufaransa: Umunsi wahariwe ukwipimisha indwara ya Kansere yo k’uruhu.
. Uburusiya: Umunsi wahariwe ivyandikwa n’umuco wagi slave.
Ingabire Luc-Noel
