Accueil > Amakuru > Akahise > 25 Ruhenshi
 25 Ruhenshi
 25 Ruhenshi
				
				mardi 25 Ruheshi 2013
Igenekerezo rya 25 Ruhenshi ni umunsi ugira 176 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 189 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1243: Hatorwa Papa Innocent wa 4.
1678: Elena Cornaro Piscopia aba umugore wa mbere kw’isi aronse impamyabushobozi ya kaminuza.
 
- Elena Cornaro Piscopia
1741: Marie-Thérèse d’Autriche aba umwamikazi wa Hongriya.
1894: Sadi Camot, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa wico gihe aricwa.
1938: Douglas Hyde aba umukuru w’igihugu wa mbere wa Irlande.
1975: Igihugu ca Mozambique kironka ukwikukira.
 
- ibendera rya Mozambique
1982: Jean-Loup Chrétien aba umufaransa wa mbere agiye mu birere vya kure y’isi.
1991: Hamenyeshwa ko ibihugu vya Croatie na Slovénie vyikukiye.
1993: Tansu Çiller aba umushikiranganji wa mbere wa Turkiya. Akaba yabaye umugore wa mbere ashinzwe ayo mabanga muri ico gihugu.
1998: Hasohoka ubwa mbere Microsoft Windows 98.
 
Abazwi cane bitavyimana  kw’igenekerezo nkiri
1984: Michel Foucault, umu philosophew’umufaransa.
1995: Ernest Walton, umuhinga muri physique akomoka muri Irland, yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1951.
2009: Michael Jackson, umuririmvyi w’umunyamerika.
 
- Michael Jackson
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’abakorera ku biyaga.
. Croatie: Umunsi mukuru w’igihugu.
.Mozambique: Umunsi mukuru w’igihuguaho hibukwa ukwikukira kw’ico gihugu.
. Philippinnes: Umunsi wahariwe igiti ku rwego rw’igihugu.
Luc-Noel INGABIRE
