IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 28 Ndamukiza

Itarike 28 Ndamukiza

samedi 28 Ndamukiza 2018

Igenekerezo 28 Ndamukiza .

Ibikurubikuru vyaranze igenekerezo nkir

1192 : Igandagurwa rya Conrad de Montferrat, umwami wa Yeruzaremu.

1919 : Haba amasezerano ashiraho SDN yahavuye iba ONU. Iyo SDN ikaba
yavutse mu mpera y’ingwano ya mbere y’isi yose. Iryo shirahamwe
ninaryo ryatumye haba amasezerano yo guhagarika iyo ngwano.
SDN(Société des Nations) yatanguye neza na neza inyuma y’amasezerano
yitiriwe Versaille.

1920 : Igihugu ca Azerbaïdjan cometswe ku gihugu c’’Uburusiya ico gihe
citwa URSS.

1945 : Habaye inyongwa ry’uwitwa Benito Mussolini n’uwo barengana
ibigo Clara Petacci. Mussolini akaba yabaye umukuru w’igihugu
w’Ubutariyano kuva 1922 gushika 1943. Yari umukuru w’igihugu yatwaza
umukazo.

JPEG - 9.3 ko

1965 : Charles de Gaulle atanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’igihugu
c’Ubufaransa. Ikiringo ciwe nticari bwarangire.

2001 : Denis Tito, umurwizatunga katwa yabaye umukerarugendo wa mbere
agiye mu kirere mu kigendajuru citwa ISS.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1442: Edouard IV, umwami w’Ubwongereza.

1758: James Monroe, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe
z’Amerika agira 5.

1937: Saddam Hussein Al-Tikriti, uwahozeari umukuru w’igihugu ca
Irak. Yapfuye anyonze igenekerezo rya 30 Kigarama 2006.

1973: Pedro Miguel Pauleta, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu
gihugu ca Portugal. Niwe mukinyi rurangiranwa amaze kwinjiza ibitsindo
vyinshi mu murwi nserukiraguhugu wa Portugal kura ubu.

1981: Jessica Alba, umukinyi w’amarerezsi w’umunyamerikakazi.

JPEG - 17 ko

Abazwi cane bapfuye kw’igenekerezo nkiri

1936: Fouad wa mbere, umwami wa mbere wa Egiputa ya none.

1945: Benito Musssolini, umukuru w’iguhugu w’ubutariyano yatwaza umukazo.

1945: Clara Petacci, umushikiranganji ku ntwaro ya Mussolini. Yishwe
anyonzwe hamwe na Benito Mussolini.

Ibihimbazwa

. Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umutekano n’amagara meza ku kazi.

. Umunsi mpuzamakungu wo kwibuka abaguye ku kazi kabo.

. Barabe: Umunsi mukuru wahariwe intwari.

. Canada: Umunsi w’ikigandaro aho hibukwa abaguye , abakomerekeye
canke abanduye indwara ku kazi bakora.


Luc Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.