Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > 28 Ruhenshi
 28 Ruhenshi
 28 Ruhenshi
				
				vendredi 28 Ruheshi 2013
Igenekerezo rya 28 Ruhenshi ni umunsi ugira 179 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 186 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1837: Victoria w’Ubwongereza aba umwamikazi w’Ubwongereza.
 
- Umwamikazi Victoire w’Ubwongereza
1914: François-Ferdinand d’Autriche aragandagurwa.
1919: Hashirwako igikumu ku masezerano y’i Versailles.
2006: Monténégro kiba igihugu kigira 192 cinjiye mu muryango mpuzamakungu ONU.
2010: Petr Necas aba umukuru wa Repubrika ya Tchèque.
 
- Petr Necas
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1476: Paul wa 4, umu papa.
1491: Henri wa 8, umwami w’Ubwongereza.
1712: Jean-Jacques Rousseau, umwanditsi akaba n’umu philosophe w’umufaransa.
(Ifoto ya  Jean-Jacques Rousseau)
1867: Luigi Pirandello, umwanditsi w’umutariyano yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muvyukwandika mu 1934.
1873: Alexis Carrel, umuganga w’umuhinga mu kubaga akaba n’umuhinga muri Biologie w’umufaransa. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu vy’ubuvuzi mu 1912.
 
- Alexis Carrel
1921: Pamulaparthi Venkata Narasimha Rao, uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi.
1927: Frank Sherwood Rowland, umushakashatsi muri chimie. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Chimie mu 1995.
1930: Itamar Franco, uwabaye umukuru w’igihugu ca Brésil.
1940: Muhammad Yunus, umuhinga mu vyubutunzi akomoka muri Bangladeche. Yaronse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel  mu 2006.
1943: Klaus von Klitzing, umushakashasi muri physique w’umudagi. Yaronse agashimwe ka physique kitiriwe Nobel mu 1985.
1957: Gueorgui Parvanov, uwabaye umukuru w’igihugu ca Bulgarie.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
767: Paul wa 1, umu papa.
1836: James Madison, uwabaye umukuru w’igihugu agira 4 wa Leta Zunzubumwe z’Amerika.
 
- James Madison
2007: Ki’ichi Miyazawa, uwabaye umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani kuva 1991 gushika 1993.
Luc-Noel INGABIRE
