Umuririmvyikazi Miley Cyrus yahavuye ararenza mu kugenda ari gusa(kwambara ubusa) naho yari amenyerewe mu bakobwa b’i Buraya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Hari mu giteramo ca Adult Swim Upfront Party.
Uwo mukobwa w’imyaka 22 yagiye kuremesha igiteramo ca Adult Swim Upfront Party cabereye ahitwa Terminal 5 i New. Yagiye yambaye nk’inyugunyugu, ariko igice co hejuru yambaye izuba, eka n’ipantalo yera yari ibonerana nkaho yari uko yaremwe.
Raba Video aha (...)
Accueil > Kwidagadura > Mumakungu
Mumakungu
-
Miley Cyrus yarengeje mu kwambara ubusa: Photos&Videos
15 Rusama 2015 -
Ibihangange vy’umuziki muri Afrika bigiye gukorana ururirimbo
11 Rusama 2015Umuziki wo muri Afrika ugiye gukomera kuva aho abaririmvyi bakomeye, batanguye gukorana indirimbo. Diamond n’umurwi P-Square bagiye gukorana ururirimbo.
Iryavuzwe riratashe, ivyahora bivugwa nk’ibihuha bigiye kuba ukuri, Diamond wo muri Tanzaniya bagiye gukorana ururirimbo na P-Square, nk’uko vyagiye bivugwa mu ntamatama. Biciye ku mirongo yabo baririmvyi ya instagram na Twitter abo baboneka ku mafoto bari kumwe. Diamond abwira abakunzi biwe ko urwo ruririmbo ruzobashimisha, ariko ntavuga (...) -
Mu birori vya MET GALA, Rihanna agereranywa n’igishishwa c’umuhwi: Amafoto
5 Rusama 2015Ibirori vy’umunsi wiritiwe MET GALA vyaraye bibereye i New York muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, vyatangaje benshi cane cane inyambaro z’ibihangange bitandukanye. Ba bakobwa canke abagore bazwi kwambara impuzu ziyobeye, bagiye bavyerekana. Rihanna wewe yagereranijwe n’igishihswa c’umuhwi.
Mw’ijoro ryo kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 04 Rusama 2015 mu kibanza kiri ahitwa Metropolitan Museum of Art kiri mu gisagara ca New York, habereye ibirori vy’umunsi witiriwe MET GALA. Uwo munsi ukomeye uba (...) -
Diamond na Zari bigize nk’umwami n’umwamikazi: Amafoto
4 Rusama 2015Igiteramo gikomeye ca All White Party cabereye mu gihugu ca Tanzaniya cabonekamwo Zari na Diamond bifashe nk’umwami n’umwamikazi. Igiteramo nk’ico kizoca mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko kiretse Uburundi.
Bambaye bose impuzu zera nk’uko igiteramo citwa "All White Party", amafoto yafashwe ku munsi w’igiteramo, yerekana Zari n’umukunzi wiwe Diamond bifashe nk’umwami n’umwamikazi naho atamwamikazi yokwambara ikanzu nk’iyo Zari yari yambaye.
Ibirori vya "All White Party" vyatangujwe na Zari, vyariko (...) -
Chris Brown na Rihanna boba bafata inzoka nk’’’Imana’’
2 Rusama 2015Abaririmvyi Rihanna na Chris Brown bahuriye mu birori vyo guhimbaza umunsi w’ivuka ry’umuririmvyi Travis Scott, baca bifotoza amafoto bafise inzoka nini nk’uko bakunze kubigira. Muri izo foto harimwo igitangaza.
Amafoto y’abahoze bakundanye: Chris Brown na Rihanna bafashe inzoka nini ateye amakenga. Hagati muri izo foto handitsemwo "SnakeGod", tugerageje kubishira mu Kirundi vyoba bisigura "imana nzoka". Ayo mafoto rero ariko atuma hari abibaza ko abo baririmvyi boba bemera inzoka (...) -
Amafoto yerekana imigirwa y’ibatirisimu ry’umwana wa Kanye na Kardashian
25 Ndamukiza 2015Kim Kardashian n’umugabo wiwe Kanye West baherutse gufata urugendo baja mu gisagara ca Yerusalemu bagiye guha ibatirisimu y’agakobwa kabo North.
Mw’isengero ry’i St James Cathedral riri i Yerusalemu, niho umuryango wa Kim Kardashian na Kanye West banjira mw’idini rya Armenian Apostolic Church, ari naho umwana wabo North yaherewe ibatirisimu. Amafoto yasohotse aboneka ko urubanza rw’iryo batirisimu rufise imigirwa myinshi.
Raba (...) -
Umuririmvyi Michael Ross ariko aturatura
24 Ndamukiza 2015Umuririmvyi Michael Ross Kakooza ari aturatura inyuma yo gusohorwa mu nzu yahora apanze kubera kubura amahera yo kuriha.
Hari amakuru ariko avuga ko Michael Ross yamenyekanye cane kuva mu mwaka w’i 2002 atakigira aho akika umusaya inyuma yo gusohorwa mu nzu yahora apanze. Ayo makuru avuga ko, uwo muririmvyi wo mu Bugande w’imyaka 33 yaraheranye amezi 6, amahera akaba aharugwa mu amashiringi 1.500.000. Ariko nyene urupangu kumusohora ubutarariye.
Atako ari bubigire, Michael Ross yaciye (...) -
Umugabo wa mbere muremure yagize ubugeni n’umugore asumba incuro zibiri
24 Ndamukiza 2015Umugabo muremure kurusha abandi mu gihugu ca Bresil, apima imetero 2.34, yagize ubugeni n’umukobwa apima imetero 1.52.
Joelison Fernandes da Silva , afise imyaka 28 y’amavuko, yamenyekanye nk’umugabo muremure kurusha abandi mu gihugu ca Bresil, yagize ubugeni na Evem w’imyaka 21, asumba incuro zibiri mu burebure. Joelison apima imetero 2.34, Evem nawe agapima imetero 1.52.
Haheze imyaka mike, Joelison Fernandes da Silva amenyekanye mu gihugu ca Brezil nk’umugabo muremure kurusha abandi, (...) -
Bruce Jenner ntakiri umugabo, yihinduye umugore ( Amafoto)
23 Ndamukiza 2015Bruce Jenner, uwahoze ari umugabo wa nyina wa Kim Kardashian yatanguye kwibonekeza yambaye impuzu z’abagore mbere afise n’amabere nyuma yo kuvuga ko agiye kwihindura abe umugore.
Haheze amezi atari make, Bruce Jenner yahoze ari umugabo wa Kris Jenner amenyesheje ko agomba guhindura igitsina ciwe maze yibere umugore.Iyo nkuru yagiye arayihisha umuryango wiwe igihe kitari gito n’ubwo mu nyuma bagiye kuyimenya.
Bruce Jenner yatanguye guhindura imishatsi yiwe, ayigira miremire, vyongeye yagenda (...) -
Amerika: Umugore wa mbere mwiza kw’isi yose muri uyu mwaka yatowe
23 Ndamukiza 2015Sandra Bullock, umukinyi w’amareresi w’umunyamerikakazi niwe yatowe n’ikinyamakuru People nk’umugore wa mbere mwiza kw’isi yose mu mwaka w’2015.
Sandra Bullock afise imyaka 50 y’amavuko, yagiye amenyekana cane nk’umukinyi w’amareresi, na cane cane atwenza. Niwe yatowe muri uyu mwaka n’ikinyamakuru People nk’umugore wa mbere mwiza kw’isi.
Sandra Bullock azwi cane mu mareresi nka "The Blind side" amaze gutahukana agashimwe ku bw’iyo reresi kitwa Oscar k’umukinyi w’igihagange "Meilleure Actrice" (...)