IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Umugore wa mbere mwiza kw’isi yose muri uyu mwaka yatowe

Amerika: Umugore wa mbere mwiza kw’isi yose muri uyu mwaka yatowe

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Sandra Bullock, umukinyi w’amareresi w’umunyamerikakazi niwe yatowe n’ikinyamakuru People nk’umugore wa mbere mwiza kw’isi yose mu mwaka w’2015.

Sandra Bullock afise imyaka 50 y’amavuko, yagiye amenyekana cane nk’umukinyi w’amareresi, na cane cane atwenza. Niwe yatowe muri uyu mwaka n’ikinyamakuru People nk’umugore wa mbere mwiza kw’isi.

Sandra Bullock azwi cane mu mareresi nka "The Blind side" amaze gutahukana agashimwe ku bw’iyo reresi kitwa Oscar k’umukinyi w’igihagange "Meilleure Actrice" kubera yari umukinyi mukuru (Actrice principale) hamwe n’akandi gashimwe kitwa Razzies Awards ku bw’ireresi yo gutwenza yakinye yitwa "About Steve" mu mwaka w’2010.

Si ivyo gusa, mu mwaka w’2014, Sandra Bullock yaharurwa mu bakinyi b’amareresi ba Hollywood bahembwa neza kubera ireresi yitwa "Gravity" yakinye, yamuzaniye amafaranga atari make.

Sandra Bullock ntiyishimiye cane kwitwa umugore wa mbere mwiza kw’isi yose mbere akivyumva, yabifashe nk’ikintu bitwengeje kandi bidafise insiguro. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru People yamenyesheje ko ubwiza nyakuri butibonekeza mbere yongera avuga ko, ikintu gikuru kandi kimuryohera ni ukuba umuvyeyi mwiza. Sandra Bullock afise umwana umwe yareze yitwa Louis Bardo, akishimira kuba umuvyeyi w’uwo mwana.

Mwomenya ko mu mwaka uheze, ikinyamakuru People catoye Lupita Nyong’o, umunyakenyakazi nk’umugore wa mbere mwiza kw’isi.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.