IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugabo wa mbere muremure yagize ubugeni n’umugore asumba incuro (...)

Umugabo wa mbere muremure yagize ubugeni n’umugore asumba incuro zibiri

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Umugabo muremure kurusha abandi mu gihugu ca Bresil, apima imetero 2.34, yagize ubugeni n’umukobwa apima imetero 1.52.

Joelison Fernandes da Silva , afise imyaka 28 y’amavuko, yamenyekanye nk’umugabo muremure kurusha abandi mu gihugu ca Bresil, yagize ubugeni na Evem w’imyaka 21, asumba incuro zibiri mu burebure. Joelison apima imetero 2.34, Evem nawe agapima imetero 1.52.

Haheze imyaka mike, Joelison Fernandes da Silva amenyekanye mu gihugu ca Brezil nk’umugabo muremure kurusha abandi, kubera atakunda gusohoka cane mu nzu abantu bamubone. Mu buto bwiwe, Joelison yarafashwe nabi kw’ishure yigako, ubwo atangura kuva ico gihe kwinyegeza mu cumba ciwe kugira ahunge abantu bose. Ivyo vyaterwa n’ukuntu yiyumva ko atameze nk’abandi bantu.

Mu nyuma, Joelison yarakoze uko ashoboye kugira agire ubuzima nk’ubw’abandi bantu basanzwe, ubwo atangura gusohoka hanze mbere aramenyekana cane mu gisagara yabamwo.

Mu kiganiro Joelison yatanze ku mboneshakure yo mu bubirigi, aho yariko avuga ubuzima bwiwe, yavuze ko umunsi wa mbere abona Evem yumvise amukunze cane. Joelison yongera avuga ko umunsi wa mbere sebukwe wiwe amubona, yamaze iminota cumi, umutwe aragamije, ariko aramuraba.

Joelison na Evem bavuga ko amacentimetero 82 abatandukanya mu burebure, bitazobabuza gushinga urugo rwabo, kubera ubuzima bwabo bumeze nk’ubw’abandi. Mwomenya ko Joelison yabazwe ku myaka 21, aho yakurwamwo ikivyimbe,ivyo bikaba vyatumye adasubira gukura.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.