Umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi NITUNGA Aaron,yakoze ibikomeye mu muziki mu gihugu c’Uburundi n’Urwanda, yarafashe urugendo rumushikana mu gihugu c’Ubuhindi aho agiye kwivuza, inyuma y’indwi zitatu abaririmvyi batanguje isekeza ryo kwegeranya amafaranga yo kumufasha.
Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi
Umuhinyanyuzi
-
Umuhinyanyuzi Aaron NITUNGA yagiye kwivuriza mu Buhindi
8 février 2018 -
Umuhinyanyuzi Ami Baso arabandanya ibikorwa vyiwe mu mahanga
15 janvier 2018Inyuma y’aho agiriye mu gihugu ca Côte d’Ivoire, aho ariko aranonosora ivyigwa vy’umuziki,umuhinyanyuzi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Ami Baso yamenyesheje ko abandanya ibikorwa vy’iwe vyo guhinyanyura umuziki abikoreye mu nzu yiwe Swagger Record.
-
IKOH Multiservices igiye gushira ahabona ’’You’ll Love Changes VolIII’’
11 janvier 2018Umukuru w’ishirahamwe IKOH Multiservices amenyesha ko ashima uko igikorwa co gusozera ikigabane ca kabiri ca You’ll Love Changes cagenze, mu mpera z’umwaka wa 2017. Haruna IKORICIZA amenyesha ko n’ikigabane ca gatatu kigiye kuja ahabona.
-
Babriyano: Video y’Ururirimbo "Urabibona" yamaze kuja k’umurongo
21 Mukakaro 2017Umuhinyanyuzi Adriano yasohoye vidéo y’ururirimbo yakoreye umuririmvyi Babriyano. Adriano avuga ko ashimishwa n’ico gikorwa kuko nuwo yagikoreye nawe ashima, kandi atari irya mbere bakoranye mu gisata ca vidéo.
-
Umuyobozi wa Ikoh Multiservices arashima urugero umuziki w’Uburundi ugezeko
21 Ruheshi 2017Mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017, mu Burundi bariko hahimbazwa indwi yahariwe umuziki, IKORICIZA Haruna arongoye inzu ihinyanyura umuziki Ikho Multiservices amenyesha ko abaririmvyi b’abarundi bageze ku rugero rwiza.
-
Ivyatumye Lady Grace acumita imbugita mw’izosi Lizer Classic biriko biramenyekana
6 Ntwarante 2015Haraheze amezi atari make umuhinyanyuzi Lizer Classic ahatswe kwicwa n’umukobwa bari bakundane, bimwe muvyo bapfa biriko biramenyekana.
Lizer Classic yacumiswe imbugita mw’izosi n’uwo bakundana Lady Grace, hari mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo 2014, aho uwo muririmvyikazi yaca ahunga. Amakuru ava hafi ya Lizer Classic avuga ko uwo mukobwa na Lizer Classic bama bariko barwana bapfa ko Lizer yamwikeka ko aja mu bandi bagabo.
Amakuru yo kwizera avuga ko Lizer kugira amenye ukuri kuvyo yumva ku (...) -
Lizer Classic avugwa cane mu ndirimbo ni nde? Menya ubuzima bwiwe
5 Ntwarante 2015Umuhinyanyuzi Lizer Classic avugwa cane mu ndirimbo z’abaririmvyi bo mu Burundi, ni nde? Yatanguye gute umwuga wo gukora indirimbo "production"? N’iki gituma ahurumbirwa n’abaririmvyi benshi?N’iki ategekanya gukora muri kazoza?
Ikiganiro yagiranye na IGIHE, kiri mu rurimi rw’igiswahili ariko twagerageje kugishira mu Kirundi. Twamusanze aho akorera muri Studio BUJA RECORDS
IGIHE : Ndaguhaye mwiriwe, Lizer Classic
Lizer : Mwiriwe!
IGIHE : Lizer Classic ni nde?
Lizer : Urakoze. Akazina (...) -
Umwana w’umuhinyanyuzi Kent P yitavye Imana
5 Ruhuhuma 2015Umuhinyanyuzi Kent-P ahejeje gutanga inkuru mbi ko ahejeje kubura umwana wiwe w’umukobwa.
Hari haheze amezi atatu gusa umwana wa Kent P avutse, none yitavye Imana. Kent P n’umubabaro mwishi ati : "Mfise umubabaro mwinshi bébe wanje nkunda yapfuye yarafise amezi atatu",
Umuryango w’abahinyanyuzi, abakunzi n’incuti n’abagenzi yabasavye ko bomufasha kwipfuriza uburuhuko bwiza umwana wiwe yabuze atanka. Eka twese duti yihangane Kent P.
Tubibutse ko umuhinyanyuzi Kent P ari mu bahinyanyuzi bane (...) -
Amaziko y’umuhinyanyuzi Dr Jack yahuje abaririmvyi b’Uburundi, Urwanda na Congo
11 Munyonyo 2014Umuhinyanyuzi Dr Jack aherutse kwitaba Imana yasezewe ubwa nyuma n’incuti, abagenzi n’abo bakoranye. Abantu batari bake bagwiriyemwo abaririmvyi n’abahinyanyuzi bari basidukanye n’iyonka kumuherekeza.
Mu gitondo c’uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Munyonyo, imbere y’uburuhukiro bw’ibitaro Prince Regent Charles hazindukiye abantu benshi bagwiriyemwo abaririmvyi abahinyanyuzi tutibagiye n’abamenyeshamakuru. Bose urubanza rwari rumwe: gusezera no guherekeza ubwa nyuma umuhinyanyuzi Dr Jack.
Lolilo (...) -
Umuhinyanyuzi Dr Jack yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima n’akazi vyiwe
8 Munyonyo 2014Umuhinyanyuzi Dr Jack yasezeye isi, amaziko yiwe ntaramenyekana aho azobera kuko barindiriye ingingo iva mu Rwanda iyo avuka. Amwe mu mateka yiwe nk’umuhinyanyuzi.
Inyuma y’iminsi itari imike umuhinyanyuzi Dr Jack avuga ko arwaye, yitavye Imana mu gitondo co kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 08 Munyonyo mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori vyo mu Buyenzi ( Hopital Prince Regent Charles). Amakuru duhabwa na Kook-k yahora ari umukoresha wiwe, avuga ko muri iyo minsi iheze Dr Jack (...)