IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Aaron NITUNGA yagiye kwivuriza mu Buhindi

Umuhinyanyuzi Aaron NITUNGA yagiye kwivuriza mu Buhindi

jeudi 8 février 2018

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018, niho Aaron NITUNGA yafata indege imushikana mu gihugu c’Ubuhindi, akaba yari aherekejwe n’abaririmvyi bagize uruhara mu gikorwa co kwegeranya amafaranga yo kumuvuza, umuryango wiwe hamwe na DUSABIMANA Isaie yamurwaje igihe kinini, ari nawe kandi bazoba bari kumwe mu gihugu c’Ubuhindi.

Umuhinyanyuzi Aaron NITUNGA yari amaze igihe arwariye i Kigali, mu gihugu c’Urwanda,inyuma yo kwivuriza mu bihugu bitandukanye ariko bikananirana ko indwara arwaye iboneka.

Abegereye Aaron NITUNGA bavuze ko agira ububabare bukomeye mu gikiriza n’ubwonko ku buryo rimwe na rimwe bamusanga no muri studio aryamye hasi kubera ububabare.

Abo bamwegereye bamenyesha kandi ko Aaron NITUNGA yivuje mu bihugu bitandukanye nka Afrika y’Epfo, Canada n’ahandi gushika aho amafaranga amuherana.

Agomba afate indege, Aaron NITUNGA yavuze ko ashima uruhara abantu batandukanye bagize mu kurondera uko aja kwivuza, akaba ashoboye kuronka uburyo bwo gushika kwivuriza mu gihugu c’Ubuhindi.

Umwe mu bafashije kwegeranya amafaranga,yavuze ko gushika ku munsi wo gufata urugendo, abantu bari bamaze gutanga amafaranga 7200 vy’amadorare y’abanyamerika, mu gihe bari bemeye gutanga amadorare 30,000, ivyerekana ko infashanyo igikenewe.

Yavuze kandi ko Aaron NITUNGA agiye kwivuriza mu bitaro vya Colombia Hospital biri mu gisagara ca Bangalore, inyuma y’amatohoza yakozwe mu ncuti ziwe zibayo, kugira bamenye neza aho yokwivuriza kandi agakurikiranwa neza.

Mu ntumbero yo kubandanya gushigikira uwo muhinyanyuzi, hari uburyo bworohereza abafise umutima wo gufasha haba mu gihugu c’Urwanda canke mu bindi bihugu.

Ku bari mu gihugu c’Urwanda, harashizweho inomero ya Mobile Money yanditse kw’izina rya DUSABIMANA Isaie ( 0780682366 ) yamurwaje igihe kirekire ndetse na konte ziri mw’ibanki Access Bank arizo (7002410104673301RWF) na (7002410204673302USD), ku baba mu bindi bihugu bakoresha uburyo bwa ’Wire Transfer’ bakoresheje Swift Code : BKORRWRW.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.