IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuyobozi wa Ikoh Multiservices arashima urugero umuziki w’Uburundi (...)

Umuyobozi wa Ikoh Multiservices arashima urugero umuziki w’Uburundi ugezeko

mercredi 21 Ruheshi 2017

IKORICIZA Haruna arongoye Ikoh Multiservices avuga ko umuziki mu Burundi ugeze ku rugero rushimishije, bagereranije n’uko vyari vyifashe mu mwaka wa 2012, kuko ubu hari ibintu vyiza biboneka mu gisata c’umuziki mu Burundi.

Uwo arongoye Ikoh Multiservices avuga ko mu minsi yahera ata muririmvyi yagira igiteramo mu Burundi ngo aronke amafaranga arenga umuriyoni w’amarundi, ariko ubu abaririmvyi bageze ku rugero rw’aho umuririmvyi asaba imiriyoni zitanu z’amarundi.

IKORICIZA Haruna arasigura igituma umuziki n’abaririmvyi bateye imbere, abicishije muri aya majambo, aho avuga ati: « Amashirahamwe asigaye afata abaririmvyi b’abarundi akabagira abayaserukira,haratunganywa ibiteramo vyinshi , abaririmvyi b’abarundi baragiriranira amasezerano n’amashirahamwe atandukanye. »

IKORICIZA Haruna :«Kuririmba ni akazi gashobora kubeshaho uwugakora.»

Mu bijanye n’integuro y’umunsi mukuru w’umuziki, IKORICIZA Haruna, amenyesha ko bafadikanije n’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amical des musiciens du Burundi) basavye amaradiyo yose kuvuza indirimbo z’abarundi ku bice ijana kw’ijana, kandi amwe yabikoze.

IKORICIZA Haruna ati: «Indirimbo ziravuzwa hose, umurundi araririmba. Kuririmba ni umwuga nk’iyindi yose, kandi ni akazi gashobora kubeshaho uwugakora. »

Kubw’uwo muyobozi, Ikoh Multiservices yarafashije ku rugero runini kuko bashizemwo ibishoboka vyose kugira babone ko umuziki w’Uburundi ubaho, aho ni mu gihe Ikoh isanzwe ifise abaririmvyi ifasha, kandi ifise imigenderanire myiza n’abaririmvyi bose.

IKORICIZA Haruna arangiza amenyesha ko umunsi mukuru w’umuziki ari uwa bose, kandi ubaho nk’uko iyindi minsi mikuru yose iba kw’isi ibaho.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.