Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihangange vy’umuziki muri Afrika bigiye gukorana ururirimbo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ibihangange vy’umuziki muri Afrika bigiye gukorana ururirimbo

Ibihangange vy’umuziki muri Afrika bigiye gukorana ururirimbo

lundi 11 Rusama 2015

Umuziki wo muri Afrika ugiye gukomera kuva aho abaririmvyi bakomeye, batanguye gukorana indirimbo. Diamond n’umurwi P-Square bagiye gukorana ururirimbo.

Iryavuzwe riratashe, ivyahora bivugwa nk’ibihuha bigiye kuba ukuri, Diamond wo muri Tanzaniya bagiye gukorana ururirimbo na P-Square, nk’uko vyagiye bivugwa mu ntamatama. Biciye ku mirongo yabo baririmvyi ya instagram na Twitter abo baboneka ku mafoto bari kumwe. Diamond abwira abakunzi biwe ko urwo ruririmbo ruzobashimisha, ariko ntavuga neza igihe izosohoka, eka nta n’izina ryarwo riramenyekana.

P-Square nabo nyene barerekana ko bakoranye na Diamond vyobafasha kubandanya bamenyekana cane. Peter Okoye umwe mu bagize uwo murwi yashize kuri Twitter yiwe ifoto ari kumwe na Diamond, ahamagarira abo ku mugabane wa Afrika kwitegurira urwo ruririmbo.

Tubibutse ko Diamond ari umuririmvyi akunzwe cane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, nayo umurwi P-Square ubica bigacika cane cane mu karere ka Afrika y’Uburengero.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.