Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Michael Ross ariko aturatura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyi Michael Ross ariko aturatura

Umuririmvyi Michael Ross ariko aturatura

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Umuririmvyi Michael Ross Kakooza ari aturatura inyuma yo gusohorwa mu nzu yahora apanze kubera kubura amahera yo kuriha.

Hari amakuru ariko avuga ko Michael Ross yamenyekanye cane kuva mu mwaka w’i 2002 atakigira aho akika umusaya inyuma yo gusohorwa mu nzu yahora apanze. Ayo makuru avuga ko, uwo muririmvyi wo mu Bugande w’imyaka 33 yaraheranye amezi 6, amahera akaba aharugwa mu amashiringi 1.500.000. Ariko nyene urupangu kumusohora ubutarariye.

Atako ari bubigire, Michael Ross yaciye asaba indaro umuhinyanyuzi-muririmvyi Benon Mugumbya, rimwe na rimwe akirarira no mu nzu y’ubuhinyanyuzi « studio ya swangz Avenue». Ivyo rero bimushikiye mu gihe bivugwa ko yarafise imigambi yo kwubakana na Aline Kemigisha.

Umviriza ururirimbo "Dream Girl" rw’uwo muririmvyi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.