IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 31 Rusama

31 Rusama

mercredi 31 Rusama 2017

Igenekerezo rya 31 Rusama.

Ibikuru bikuru vyaranze iri genekerezo

1578 : Umwami Henri wa 3 ashira ibuye rya mbere ry’umushinge
w’igitarurwa citwa « Pont Neuf »
1859 : Inkengeri y’isaha y’i Londres yitwa « Big Ben » iravuga ubwa
mbere imenyesha isaha. Aho ni mu gihugu c’Ubwongereza.

1889: Mu gisagara ca Johnstown muri Leta zunzubumwe z’Amerika haba
umwuzurira. Uwo mwuzurira wahitanye abantu bagera 2 200.
1910 : Ukwikukira kwa Afrika y’Epfo.
2005 : Dominike de Villepin ashingwa amabanga yo kuba Umushikiranganji
wa mbere w’igihugu c’Ubufaransa.
2007 : Valdis Zatlers atorwa kuba Umukuru w’igihugu ca Letoniya.
2010: Horst Köhler atanga imihoho mu mabanga yo kuba umukuru
w’igihugu c’Ubudagi.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1857: Piyo w’11, umu papa.
1930: Clint Eastwood, umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi,
ni n’umucuraranzi w’umunyamerika.

clint eastwood

1939: Roberto Raviola (Mangus), umwanditsi w’umutariyano yandika
ibitabo birwiriyemwo amashushanyo (B.D).
1945: Laurent Gbagbo, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire.

JPEG - 84.7 ko
Laurant Bagbo

Laurent Gbagbo yavutse yavutse mu mwaka w’1945 i Mama, mu karere ka
Gagnoa muri Côte d’Ivoire. Yabaye umukuru w’igihugu ariko yakurikiranye ivyirwa vya kahise akaba n’umwanidtsi. Kuva kera yari mubatavuga rumwe na Félix Houphouë-Boigny. Mu 2000, Gbagbo yatowe kuba umukuru w’igihugu mu kiringo c’imyaka 5 inyuma y’amatora yamuhuza n’uwitwa Robert Guéï. Kuva igenekerezo rya 26 Gitugutu 2000 gushika itarike 4 Kigarama 2010, niwe yabazwa igihugu ca Côte d’Ivoire.

Amatora yo kumusubiriza akaba yigijwe inyuma incuro 6 zose. Niho amatora yahava
araba maze umurwi wigenga ujejejwe amatora uvuga ko uwo bahiganwa,
Alassane Ouattara, ariwe yatsinze. Ndatse n’umurwi mpuzamakungu wari
wagiye uhagarikira ayo matora wemeje ko Ouattara ariwe yatsinze. Ariko
urwerwo rushinzwe guhagarikira ibwirizwa nshingiro rwavuze ko Gbagbo
ariwe yatahukanye intsinzi.

Niho Laurent Gbagbo yaca yanka kuva kubutegetsi. Haciye haduka intureka zabashigikiye abo bagabo babiri. Zamaze amezi atari make. Kw’igenekerezo 11 Ndamukiza 2011, Gbagbo yaciye afatwa n’ingabo zishigikiye Alassane Ouattara aca ajanwa imbere ya sentare mpuzamakungu y’i La Haye. Kuva itarike 30 Munyonyo 2011, akaba apfungiwe mu gasho k’ubwo butungane mpuzamakungu. Urubanza rwiwe rukaba rukibandanya.

1948: John Bonham, umucuraranzi w’umwongereza.
1949: Tom Berenger, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1950: Gregory Harrison, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1951: Serge Brussolo, umwanditsi w’umufaransa.
1977: Bominiko Fioravanti, umunonotsi yiruka mu kwoga akomoka mu Butariyano.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1162: Géza wa 2, umwami wa Ongriya na Krowasiya.
1329: Albertino Mussato, umukuru w’igihugu akaba n’umwanditsi w’umutariyano.

JPEG - 14.6 ko
Mussato

1976: Jacques Monod, umuhinga muri Biologie, yaronse agashimwe
kitiriwe Nobel k’ubuvuzi mu mwaka w’1965.

Ibihimbazwa

Umunsi mpuzamakungu uzira itabi.
Brunei: Umunsi wahariwe igisirikare cico gihugu.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.