IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 5 Myandagaro

5 Myandagaro

lundi 6 Myandagaro 2018

Igenekerezo rya 5 Myandagaro

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1392: Muri Corée, umujenerari yitwa Yi Song-gye aba umwami aca afata izina rya T’aejo. Yabaye uwa mbere mu murongo w’abami baba Choson ariko benshi bakunze kwita umurongo waba Yi.
1473: Igicapo kiba igikorwa ca mbere kizwi ca Leonard de Vinci.
1583: Sir Humphrey Gilbert yifatira Terre-Neuve kw’izina ry’Ubwongereza yishimikije itegeko ryitwa Common law.

1884: Hashirwa ibiye ryamnere ku mugambi wo kwubaka icibutso c’ukwidegemvya “Statue de la Liberté” mu gisagara ca New York.

JPEG - 4.9 ko
Statut de la Liberté

1897: Thomas Edison akora ireresi ya mbere y’ihayanishwa ry’ikidandazwa.
1960: Igihugu ca Burkina Faso kirikukira.
1962: Nelson Mandela arahagarikwa.

JPEG - 7.9 ko
Nelson Mandela

1966: John Lennon yemezako umurwi wa Beatles usumvya ukumenyekana Yezu Christu/ Yesu Christo.
1983: Thomas Sankara atembagaza ku butegetsi Jean-Baptiste Ouédraogo.

JPEG - 6 ko
Thomas Sankara

1983: Victor Paz Estenssoro atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Bolivie.
1990: Umubirigi yitwa Eric Geboers aba uwa mbere kw’isi muri motocross ku ncuro igira 5.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1850: Guy de Maupassant, umwanditsi w’umufaransa.

JPEG - 5.4 ko
Guy de Maupassant

1860: Oswald Wirth, umwanditsi wo muri Suisse.
1924: Kéba Mbaye, umunyamategeko akomoka muri Sénégal. Yabaye icegera c’umukuru wa Sentare mpuza makungu kuva 1981 ushika 1990, umukuru wa sentare ijejwe ivy’inkino, yaranabaye kandi umukuru w’urwego mpuzamakungu rwo kwinonora imitsi.
1930: Neil Armstrong, umunyamerika akora aakazi ko kugendera mu bigendajuru. Ni nawe yahonyoje ikirenge ubwambere ku kwezi.

JPEG - 9.4 ko
Neil Armstrong

1970: Marine Le Pen, umushingwamanza akaba n’umukuru wa Front national mu Bufaransa.
1985: Salomo Kalou, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Cote d’Ivoire.

JPEG - 95.2 ko
Salomon Kalou

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

882: Louis wa 3 wo mu gihugu c’Ubufaransa.
1962: Marilyn Monroe, umukinyi w’amareresi akaba n’ umuririmvyi w’umunyamerika kazi.

JPEG - 7.9 ko
Marilyn Monroe

Ibihimbazwa

. Burkina Faso: Umunsi wo kwibuka intahe yo kwikukira.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.