IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 5 Rusama

5 Rusama

dimanche 5 Rusama 2013

Igenekerezo rya 5 Rusama ni umunsi ugira 125. Hasigaye iminsi 240
kugira umwaka urangire.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1537 : Abadagi baba luthériens banka ubutumire bwa Papa Paul II, aho
yabatumira mu nama rukokoma ya bose bita Consile.

JPEG - 21 ko

1824 : Abongereza bigarurira igisagara ca Rangoon,umurwa mukuru
w’igihugu ca Birmanie.

1895 : Ikinyamakuru c’abanyamerika New York World gisohora inimero ya
mbere irimwe amabara yandi Atari iryera n’iryirabura gusa. Iyo nimero
yari yitwa The Yellow Kid. Iryo zina akaba ari n’iryigitabo ca mbere
muri bimwe bita ama BD. Ni ukuvuga ibitabu iherekejwe n’amasanamu
y’ibicapo.

1912: Gustave V , umwani Suède, yugurura inkino za 5 za Jeux Olympique
mu gisagara ca Stockholm.

JPEG - 14.4 ko

1930: Abongereza bafata Mahatma Ganghi mu gisagara ca Bombay.

1936 : Abatariyano bigarurira igisagara ca Addis-Abeba, ubu ari umurwa
mukuru w’igihugu ca Ethiopie.

1963 : Igitigu kiba igihimba ca mbere c’umuntu abaganga bashoboye
gukura mu muntu bakagishira mu wundi agakomeza abaho. Ivyo vyabereye
muri Amerika ahitwa Denver.

1990 : Félix Houphouët-Boigny,umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire
aragondozwa aremerako imigambwe yoba nyinshi. Maze kuriyo ngingo yiwe,
imigambwe igera kuri 14 iremererwa gukorera ku mugaragaro.

1999 : Ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu Amnesty
International rimenyesha ko abantu bagera kw’ijana batavuga rumwe na
Leta ya Togo bishwe hama batabwa mu kiyaga mukiringo c’amatora
y’umukuru w’igihugu wa Togo mu mwaka w’1998.

2002 : Mu Bufaransa, Jacques Chirac atsinda Jean Marie Le Pen mu gice
ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu. Akaba yamutsinze ku ma nota
menshi cane angana na 82,21%.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1800 : Louis Hachette, umuhinyanyuzi w’ibitabu w’umufaransa.

JPEG - 23.6 ko

1818 : Karl Marx, umuhinga muvyo ubutunzi akaba n’umunyapolitike w’umudagi.

1905 : Floyd Gottfredson, umwanditsi w’wibitabo biba birimwo
n’ibicapo. Niwe yatanguje umu peresona bita Mickey Mouse.

1989 : Chris Brown, umuririmvyi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana igenekerezo nkiri

1821: Napoléon I, uwabaye umwami w’Ubufaransa. Yapfiriye iyo yari
yahungiye I Saint-Hélène.

1992: Jean Claude Pascal, amukinyi w’amareresi akongera akaba
n’umuririmvyi w’umufaransa.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe abakirizi. Watanguye mu mwaka w’1991mu
bihugu bigera kuri 50.

. Umunsi wo kurarika abanditsi b’ibitabo bifise amashusho y’ibicapo.

. Umunsi mukuru w’akaranga n’uwabakoresha ikirimi ca Portugal.

. Muri Corée y’epfo: Umunsi w’abana.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.