IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 6 Myandagaro

6 Myandagaro

mardi 6 Myandagaro 2013

Igenekerezo rya 6 Myandagaro ni umunsi ugira 218 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 147 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1824: Simón Bolívar anesha abanya Espagne mu ndwano yiswe iyo i Junin mu gihugu ca Pérou.

JPEG - 6.7 ko
Simon Bolivar

1825: Igihugu ca Bolivie kirikukira.
1890: Buba ubwa mbere hakoreshejwe intebe irimwo umuyagankuba mu kwica umunyororo yaciriwe urwo gupfa. Aho hari mw’ibohero ry’i Aubum i New York.
1896: Madagascar kiba igihugu gikoroni c’Ubufaransa.
1945: Indege z’abanyamerika zicucagira amabombe ku bisagara vya Hiroshima mu gihugu c’Ubuyapani. Hakaba harimwo ibombe ikorzwe mu bumara bwa uranium. Ico gitero kikaba caciye gihitana ubuzima abantu 70 000.

JPEG - 24.6 ko
Iturika ry’ibombe yatewe i Hiroshima

1962: Igihugu ca Jamaïque kirikukira.
1971: Haba ubwirakabiri.
1973: Igisirikare ca Amerika kirihenda gitera amabombe ku gisagara co muri Cambodge citwa Neak Long. Haciye hapfa abantu bagera kw’ijana.
1990: Benazir Bhutto akurwa ku butegetsi n’igisoda hamwe n’umuhari w’aba musulmans.

JPEG - 6.1 ko
Benazir Bhutto

1991: Tim Berners-Lee atangaza ivuka rya World Wide Web.
2008: Muri Mauritanie haba itemmbagazwa ry’ubutegetsi maze uwari umukuru w’igihugu Sidi Mohamed Oud Cheikh Abdallahi arafatwa hamwe n’umushikiranganji wa mbere Yahya Oud Ahmed El Waghef.
2011: Haduka imigumuko mu gisagara ca Tottenham.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1881: Alexander Fleming, uwatoye umuti wa péniciline yanaronkeye agashimwe kitiriwe Nobel mu vyo ubuvuzi mu 1945.

JPEG - 34.9 ko
Alexander Fleming

1930: Abbey Lincoln, umuririmvyi wa jazz w’umunyamerikakazi.
1965: David Robinson, umukinyi wa Basket-ball w’umunyamerika.
1981: Kader Keita, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Côte d’Ivoire.

JPEG - 16.9 ko
Kader Keita

1983: Robin van Persie, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Pays-Bas.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1660: Diego Vélasquez, umuhinga mugusiga irangi ibicapo. Yakomoka muri Espagne.

JPEG - 32.8 ko
Diego Vélasquez

1881: James White, umwe mu batanguje ishengero ry’aba adventiste b’umunsi w’indwi.
1890: William Kemmler, umupfungwa wa mbere yishwe hakoreshejwe intebe irimwo umuyagankuba.

JPEG - 7.6 ko
William Kemmler

1973: Fulgencio Batiste, umukuru w’igihugu ca Cuba yatwaza umukazo kuva 1952 gushika 1959.
1978: Paul wa 6, umu papa wo kuva 1963. Izina ryiwe ryukuri yari Giovanni Battista Montini.

JPEG - 24.1 ko
Paul wa 6

1983: Klais Sperber batazira Klaus Nomi, umwe mu bantu bazwi bambere bishwe n’umugera wa Sida.
2009 : John Hughes, umwanditsi akaba n’umuhinyanyuzi n’umukinyi w’amareresi. Yari umunyamerika. Niwe yakoze ireresi izwi cane yitwa " Maman j’ai raté l’avion".

JPEG - 6 ko
John Hughes

Ibihimbazwa

. Argentine : Umunsi wahariwe inyigisho zijamye m’uburirmyi.
. Bolivie : Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.