IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 7 Ruheshi

7 Ruheshi

lundi 4 Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 7 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1905: Ukwikukira kwa Norvege.
1917: Melvin Jones atanguza umugrwi wa “Lions Club”.

JPEG - 9.2 ko
Melvine Jones

1917: Amasezerano y’i Latran arahindurwa mu ntumero yo gutanguza Leta
ya Vatikano.
1942: Indwano y’i Midway irarangira aho hari mu ndwano ya kabiri y’isi yose.
1967: Inteko za Israel zirifatira igisagara ca Yeruzaremu, aho hari mu
Ndwano y’Iminsi 6.
2000: Hacibwa umurongo w’ubururi ugabura Libani na Israel.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezonk’iri

1952: Orhan Pamuk, umwanditsi akomoka muri Turkiya. Yaronse agashimwe
kitiriwe Nobel mu kwandika mu 2006.
1953: Johnny Clegg, umuririmvyi wo muri Afrika y’Epfo.

JPEG - 35.1 ko
Johnny Clegg

Yavukiye ahitwa Bacup hafi y’igisagara ca Manchester mu Bwongereza.
Clegg batazira umu “Zoulou year” (Le Zoulou blanc), kw’izina ryiwe
ry’amavuko yitwa Jonathan Clegg. Ni umuririmvyi wo muri Afrika y’Epfo
anatamba inambo y’iki zoulou. Yararirimvye indirimbo ziyamiriza
amacakubiri ya “apartheid”. Nyina wiwe yari umuyahudikazi yitwa
Muriel Braudo, se nawe akitwa Denis Clegg. Bari bahungiye ahitwa
Rhodesie (ubu hitwa Zimbabwe). Inyuma yamezi 6 gusa Johnny Clegg
avutse, abavyeyi biwe baciye bahukana. Yaciye arerwa na nyina wiwe
gusa. Clegg yaragize ingorane zo kuba muri Afrika y’Epfo kuko ico gihe
hari amacakubiri afatiye ku rurkoba.

Ariko yahavuye agira umugenzi umwana yarafise se w’umudereva. Uyo mwana barakurana aranamwigisha ikirimi ciki “Ndebele” ikirimi cavuye muki zoulou. Nyina wiwe akaba yari umuririmvyi mu mazu y’ubutambiro. Johnny Clegg yamenye se
w’amaraso afise imyaka 21. Yatanguye kwiga igitari ku myaka 15. Amaze
gusohora inkurikirane zigera kuri 22.

1957: Fred Vargas, umwanditsi w’umufaransa.
1958: Prince, umucuraranzi, umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi
w’umuziki w’umunyamerika.
1965: Jean-Pierre François, umuririmvyi w’umufaransa.
1970 : Cafú, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezile.
1975 : Allen Iverson, umukinyi rurangiranwa w’umukino wa maboko wa
basket akomoka muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1977 : Fabrice Éboué, umujajuzi akaba n’umukinyi w’ivyese nama reresi
w’umufaransa.
1981 : Anna Koumikova, umukinyi wa Tennis akomoka mu Burusiya.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1970 : Edward Morgan Forster,umwanditsi w’umunyamerika.
2006: Abou Moussab Al-Zarqaoui, umurwanyi w’umu islam.

Ibihimbazwa

. Argentine: Umunsi wahariwe umumenyashamakuru.
. Malte: Umunsi mukuru w’igihugu.
. Mexique: Umunsi wahariwe ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.
. Perou: Umunsi mukuru w’ibendera.


Luc- Noe Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.