IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 8 Ruheshi

8 Ruheshi

vendredi 8 Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 8 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1288: Sanche IV w’i Castille anyongesha Lopez Diaz III w’i Haro ahitwa Alfaro.
1637: Igitabo ca René Descartes, “Discours de la méthode” kirasohorwa i La Haye.
1776: Indwano yitiriwe “Inzuzi zitatu” iraba mu ndwano yo guharanira
ukwikukira kwa Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1862: François-Joseph wa 1 w’i Autriche hamwe Sissi bambikwa urugori
rw’ubwami baba umwami n’umwamikazi wa Hongiriya.
1912: Ubwato bw’indwano b’Ubufaransa bugendera munzi y’amazi bwitwa
Vendémiaire (Q59) bugira impanuka.

1912: Carl Laemmle agurisha ihinguriro ryitwa Indepenent Motion
Picture Company. Ryahavuye riba Universal Pictures. Iryo rikaba ari
inzu rihinyanyura amareresi.
1948: Umuduga wa mbere wo mu bwoko bwa Porsche 356 nimero 1, wagenewe
amahiganwa yo kwiruka, urasohoka.
1972: Nick Ut afata isanamu ya Kim Phuc, umwana w’umukobwa yari
yaturiwe bikomeye n’ubumara bwa “napalm”. Ivyo vyabaye mu ndwano ya
Viêt Nam. Iyo sanamu ikaba ariyo yatumye ahabwa agashimwe kitwa
Pulitzer.
1992: Alpha Omar Konaré yimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Mali.

JPEG - 22.1 ko
konare

2002: Amadou Toumani Touré yimkwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Mali.
2010: Yukio Hatoyama umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani aratanga
imihoho. Naoto Kan aca amusubirira muri ayo mabanga.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1903: Marguerite Yourcenar, umugore w’umwanditsi w’umufaransa. Yabaye
umugore wa mbere yinjiye muco bita Académie française, urwego rujijwe
kuryohora ururimi rw’igifaransa.
1916: Luigi Comencini, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umutariyano.

JPEG - 16.3 ko
comencini

1918: Robert Preston, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1921: Soharto, umunyepolitike wo muri Indoniziya. Yabaye umukuru
w’igihugu kuva 1967 gushika 1998.
1940: Nancy Sinatra, umuririmvyikazi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1977: Kanye West, uririmvyi w’umunyamerika.

1983: Nadia Petrova, umukinyi wa Tennis akomoka mu Burusiya.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1801: Louis wa 17, umwami w’Ubufaransa.
1845: Andrew Jackson, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 7.
1876: George Sand, umugore w’umwanditsi w’umufaransa.

1896: Jules Simon, uwabaye umukur w’igihugu c’Ubufaransa.
1998: Sani Abacha, umusirikare yabaye umukuru w’igihugu ca Nijeriya mu 1993.
2009: Omar Bongo Ondimba, uwabaye umukuru w’igihugu ca Gabon.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ibahari.
. Mu Buaransa; umunsi w’igihugu wahariwe ukwibuka abapfiriye igihugu cabo muri Indochine.


Luc-Noel Ingabiri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.