IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 9 Rusama

9 Rusama

mardi 9 Rusama 2017

Igenekerezo rya 9 Rusama

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1754 : Benjamin Franklin, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe
z’Amerika, ashira kumugaragaro igishushanyo yise « Join, or Die »
(tuje hamwe canke duhone). Iyo shushanyo yerekana inzoka yakataguwemwo
uduhimba, agahimba kamwe kose kagasubirira Leta imwe yose yo murico
gihugu.

1960 : Igurishwa ry’ibinini vyo guhagarika imvyaro bironka uruhusha mu
gihugu co muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1969 : Ekereziya Katorika y’abaromani isohora ikirangaminsi gishasha
c’aberanda. Muri kono, aberanda 200 bahora mu kirangaminsi ca kera
barakurwamwo, haraheza hongegwamwo aberanda bamuka ahandi atari i
Burayi.

1978 : Aldo Moro, umu nyapolitike w’umutariyano aricwa n’igisoa bita
ico gihe « Brigades rouges ».

JPEG - 20.5 ko

Abazwi cane bavutse kw’itarike nkiyi

1837 : Adam Opel, uwatanguje ihinguriro rikora imodokari zitiriwe
izina ryiwe Opel. Iryo inguriro rikaba ryamuka mu gihugu
c’Ubutariyano.

1892 : Zita de Bourbon-Parme, umwamikazi wanyuma w’igihugu ca Autriche.

1960 : Ivan Ivanov, umunonotsi yiruka ku makinga akomoka mu Burusiya.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1850 : Louis Joseph Gay-Lussac, umuhinga muri Physique no muri Chimie
w’umufaransa.

1915 : François Faber, umunonotsi yiruka ku makinga akomokamui
Luxembourg. Yabaye umunonotsi wa mbere w’umunyamahanga yatwaye
igikombe c’ihiganwa ryo kuzunguruka igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 6.7 ko

Ibihimbazwa

. Umunsi wo kwibika abaguye mu ngwano ya kabiri y ‘isi yose.

. Arménie : Umunsi w’intsinzi, hibukwa instinzi y’i Alliés muri 1945.

. Guernesey, Jersey : Umunsi w’umwidegemyo, aho ingwano ya kabiri
y’isi yose yarangirira.

. Roumanie : Umunsi ‘ukwikukira


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.