IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AJAP : "Icegeranyo ca ONU ntaco cavuze ku Mbonerakure zishwe

AJAP : "Icegeranyo ca ONU ntaco cavuze ku Mbonerakure zishwe

jeudi 6 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe AJAP (Association pour une Jeunesse Africaine Progressiste) ririyamiriza ibiri mu cegeranyo c’abahinga ba ONU muvy’agateka ka zina muntu, iryo shirahamwe rimenyesha ko ico cegeranyo cuzuyemwo uguhengama kwinshi, ugufatira ibintu mu kivunga. Muri iryo shirahamwe bavuga ko ico cegeranyo ataco kivuga ku Mbonerakure za CNDD FDD zishwe, kandi ko impande zose zegwa n’ico kibazo c’agateka ka zina muntu zitabajijwe.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uwu wa kane, bamenyesha ko batangajwe n’uko abo bahinga ba ONU bavuze ko abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi aribo gusa bakozweko n’ibihe bitoroshe Uburundi buhitiyemwo.

Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP ati : "Ariko ntaco bigeze bavuga ku bijanye n’Imbonerakure zaturiwe, zakerewe, imiduga y’abakora mu nzego za Reta yaturiwe, amabarabara yimbaguwe, amapine baturiye bigatuma ibidukikije bihahonera, ibisasu ntezwantoke vyatewe n’abagizi imyiyerekano iminsi n’iyindi. Umuntu yokwibaza kandi ati mbega ni kuki ataco bavuze ku bashatse gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 n’ibindi bitero vyakurikiye."

Kubw’ishirahamwe AJAP, ico cegeranyo kigamije kubiba urwanko, gucamwo imirwi abantu no kubuza impunzi z’Abarundi ziri hanze gutaha mu gihugu.

Muri iryo shirahamwe babandanya bagira bati : "AJAP risanga kandi bidakwiye ko abo bahinga mpuzamakungu bavuga ko ihonyabwoko riguma ryiyongera ariko ata vyemezo batanga. Ahi ni mu gihe abahutu, abatutsi n’abatwa banywanye."

Iryo shirahamwe ryasavye inama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwama ryihweza neza imbere y’ugufata ingingo ziraba Uburundi.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016 yatumye abantu bagera ku 564 bicwa, abo bahinga bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.


IGIHE

Messages

  • @ AJAP, JEWE AHUBONA NARUMIWE AHO UWO UMUNTU ABAYARIZI KWARUWOKUVUGA UKURI ARIWE IMVUGOYIWE YEREKANAKO ASHAKA GUCUCONGANISHA/GUSHUSHA URUGAMVA!!!
    KUBONA BANANIRWA NOKUVUGA IVYAKOZWE IZUBARYAKA BIJANYE NOGUTURIRA ABANTU BABONA NOGUTURIRA AMAMODOKA HABARIKO BARIGIRA MUBIKORWA VYABO CANKE BAKANAVUGA KO ABAGERAGEZE GUKUBITA KUDETA KO BARIMUBAMBERE BAHUNGABANIJE IKIREMWA MUNTU!?
    EREGA MUBURUNDI UMUNTABIREVYENEZA URYAMUNTU YARUMU PREZIDA WIGIHUGU KIRYAGIHE HAKORWA IVYOKUMUKUBITA KUDETA URYARIMUBAMBERE ABOBAHINGABA ONU BARUGUSHIRA MUBAHUNGABANIRIJWE AGATEKA KIWE ARIKO MURABABAKOZE AYAMATOHOZA BIBONEKAKO BOBO BABONAKO IVYOYARIYAGIRIWE KOVYARIVYIZA KURIBO!.

  • nukuri ONU yarataye akaranga kayo kugezaho isigayivuga amahopa!! jenarumiwe kabisa, ico gisigaye arikintunyene abazungu bakoresha mukurandura afrika. muburundi turabiyamye pupupuuuu, nicogituma yasentare yafrika yasuzuguye ayomaraporo yabo yibinyona kuburundi hama icimenyeshako uburundi bwatsinze mumanza zose bwitwariwe. rero kuberako arigishirahamwe kiraho cabazungu cokurwanya afrika ntibanyuzwe bati mpaka batembagajuburunditu, kwakweri aka nagasuzuguro

  • Arik abo bazungu bipfuza ko twebwe abarundi tugume turyana?gusa ivyo nihugu bicumbikiy abo birigwa baduhungabaniriza umutekano nibafatwe bacigwe urubanza uwowese yateje akaga uburundi

  • @ AJAP! je murantwenza ngo urupfu rw’Imbonerakure?urupfu rw’ Imbonerakure ni nk’urupfu rw’umu Al Shaabab,iyoba izo Mboness zohonye zose

  • None bite Kumutungo wuburubdi Wononekaye

  • mbegayemwe?onuyobayibuka igikorwacayo?ereganiyaz irumviriza ibintuvyosebivugwanabobavyonzi ntakintunakimwe izokora. kurubworero igihuguc uburundicaremwenimana kandikirimw abarundibubwokobwose kandibabanyeneza. non abobazungubashakakuducurabufuninabuhoro badushakakw iki?nibarabeneza kuk abarundikugez ububaramazeguc ubwenge kand ububarabon ijishoribarabanabi n iribarabaneza.

  • Mbe ko mufise ubwoba ko baza gutohoza ubwicanyi bwabaye,kuko muzi ko mwanyoye amaraso y’abantu,ni mutekereze rero muwunye kuko ntaco muzohindura naho mwishimiriza iyo mipanga yanyu nubwo bufuni nta nguvu mwarusha Sadam,Kadafi,Mura Omar,Ben Laden...abo bose bomowe n’amakungu vyari ibihangange bikomeye nkaswe abantu nkamwe bahenda mukirigwa muratuka amakungu bitewe n’ubujuju

  • AJAP ni Ishirahamwe mbona ririko rikora neza mu gukangura amakungu. Amakungu yari yaramenyereye kuvyonga none ageze kurwego rwo gutanga n’ivyegeranyo vy’ibinyoma. emama ngo barabajije n’amashirahamwe yigenga ukamengo nani AJAP ntiryigenga. KO ritabajijwe.
    ni basume barenga. EINUB toka.

    ahubwo ico mina coco Uburundi burashobora kubera umuco ibindi bihugu vya Afrika maze Afrika aho bukera ihere ku rushi ya Makungu yari yarigeze ibinani mukuzana dictature

  • AJAP ni Ishirahamwe mbona ririko rikora neza mu gukangura amakungu. Amakungu yari yaramenyereye kuvyonga none ageze kurwego rwo gutanga n’ivyegeranyo vy’ibinyoma. emama ngo barabajije n’amashirahamwe yigenga ukamengo nani AJAP ntiryigenga. KO ritabajijwe.
    ni basume barenga. EINUB toka.

    ahubwo ico mina coco Uburundi burashobora kubera umuco ibindi bihugu vya Afrika maze Afrika aho bukera ihere ku rushi ya Makungu yari yarigeze ibinani mukuzana dictature

  • AJAP,NUKURI MURABICHANYI MWEEE MWA MBONERAKURE UMENGO AMAKUNGU NTARIKO ABONA UBWICHANYI MURIKO MURAGIRA.AHUBWO NAMWE AYOMASHUSHO YANYU NUKURI ADASA NABANYWAMARASO GUSA.MUBUZE IVYO MUVUGA.

  • @Alida Hicuburundi,
    Ayomakungu atigeze abona abishwebaturiwe wokwemeragute kwicyoyavuze arivyabereye Burundi?
    Jewe nanje narikwemera ko ivyo ayomakungu yavuze arivyomu Burundi iyonumvamwo Ko abagerageje gukubita kudeta ikabacwatana babashizemwo kandibakanavugako bakwiyekuronderwa iyobarihose bagafatwa bagashikirizwa ubutungane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.