IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > API: Amashirahamwe mashasha 1160 yarashinzwe

API: Amashirahamwe mashasha 1160 yarashinzwe

mardi 25 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 25 mukakaro 2017, umuyobozi w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya mbere Nzero gushika kurya 30 Ruheshi 2017, habaye ukwiyongera kw’amashirahamwe kungana n’ibice 3,7 kw’ijana ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016.

Muri ico kiganiro, umuyobozi w’ikigo API yavuze ko mu mezi atandatu aheze, igitigiri c’ubuzi bwategekanijwe bwababa 10689, bisigura ko hazoba igabanuka ringana n’ibice 5,5 ugereranije no mu mezi atandatu yo mu mwaka uheze wa 2016.

JPEG - 75.8 ko
Didace NGENDAKUMANA arongoye API

Naho hari ivyagenze neza, umuyobozi w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA avuga ko mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017 hari ivyatumye ibikorwa bitarangurwa neza, n’ababitura ntibatunganirizwe neza.

Yagize ati : «Mu ntambamyi twahuye harimwo ubukene bw’ibikoresho, ubukene bw’uburyo n’abakozi, ingorana ijanye n’ubukene bw’igitoro n’umuyagankuba, bikaba vyatumye ibikorwa bimwe bimwe bitarangurwa neza, n’abatwitura ntibatunganirizwe neza

Umuyobozi w’ikizo API yamenyesheje kandi ko hari ivyo bategekanye gukora muri kazoza mu bijanye no kworohereza abanyamitahe, babicishije mu kurwiza amahayanishwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.