Muri uku kwezi bita ukwo gupfunga, abaisiramu bagabanya ibiringo vyo gufungura abahora bafungura gatatu canke karenga bafungura ku mugoroba izuba rirenze, kandi bagahagarika no kunwa, kurangura amabanga y’abubatse ku bubatse.
Muri ico kiringo kandi abaisiramu bagerageza gukora iciza , mbere mu bijanye no kwemera bagasenga incuro zitanu nk’uko bisabwa n’igitabo ceranda bakoresha ca Korowani.
Gupfunga mu kwezi kweranda kwa Ramadhan ni imwe mu nkingi zitanu idini rya Isiramu ryubakiyeko.
Nifurije aba Isilamu bose igisibo ca Ramadhan ciza.Imana ikigire icamahoro n’umugisha.mbisibira gukomeza bafatanye munda bakarangwa n’urukundo n’impuhwe zakivandimwe,ntibazihutire imigambwe ahubwo bazihutire gusari nogukora neza murukundo rwakisilam.IGISIBO CIZA.