IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Abafise amatongo ahariko hubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu basaba (...)

Abafise amatongo ahariko hubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu basaba umuzibukiro imbere yo kuhava

mercredi 22 Ntwarante 2017

Abafise inzu n’ibibanza hafi y’ahazokwubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Gasenyi, Komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura Rural basaba guhabwa umuzibukiro imbere y’uko bava muri ico kibanza.

Bamwe muri abo bavuga ko batigeze babona umutegetsi n’umwe aza kubamenyesha ko hari umugambi wo kubirukana mu matongo yabo,kandi ibiri mu matongo bifise agaciro kanini batoshobora kubisiga ata muzibukiro.

Abo banyagihugu bamenyesha ko bagiye hamwe bagerageza kwandikira umukuru w’igihugu bamusigurira ibijanye n’amatongo yabo, ariko bakaba batararonka inyishu.

Haraheze indwi imwe , umushikiranganji w’ibidukikije, amazi,amatongo no gutunganya ibisagara, yandikiye umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu amusaba gufasha kugira ingingo yo gukura mu matongo abanyagihugu baba hafi y’ahariko hubakwa ibiro vy’umukuru w’igihugu ije mu ngiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.