Abagirizwa urupfu rwa Muganga Franco de Simoné yiciwe i Kiriri bafashwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Mukakaro 2017 saa 09:03
Yasomwe : 43803
0 0

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa mbere umurwi w’abantu bagirizwa urupfu rwa Franco de Simoné w’imyaka 65, umutariyano yishwe acumuswe imbugita ku mutima, ikiziga ciwe kigatorwa mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Umugore azwi kw’izina rya CIZA Diane afise ubwenegihugu bwa Suede n’ubw’Uburundi yari asanzwe atabanye neza n’uwo mutariyano, nk’uko vyemezwa n’igiporisi akaba nawe yafashwe ku mvo z’amatohoza.

Uwo mugore yafatanwe n’abakozi baba muri iyo nzu yiciwemwo uwo mutariyano yari asanzwe ari umuhinga muvyo kubaga, ku bitaro "KIRA HOSPITAL". Uwo mutariyano yishwe yari yavuze ko amaze iminsi aterwa ubwoba n’uwo mugore babana.

"Amakuru dufise mu giporisi n’uko yari amaze iminsi amutera ubwoba, uwo mutariyano akaba yari amaze kubibwira bamwe mu bantu bamwegereye.", uko niko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yabishikirije.

Umuganga ava mu gihugu c’Ubutariyano Franco de Simoné yatowe ikiziga aho yari asanzwe aba muri quartier ya Kiriri, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017.

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kandi kuri uwu wa mbere imirwi y’abantu bagirizwa ubwicanyi, ubusuma hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi butandukanye. Muri abo berekanwe harimwo abagirizwa urupfu rw’umutama w’umukukuruke wo muri banki nkuru y’igihugu. Uwo mutama yishwe arashwe ku murango w’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017. Mu giporisi bavuga ko abamugandaguye bavyiyemerera, bakavuga ko bari bamukurikiranye avuye kubikuza amafaranga muri banki bakaba bamwivye ayagera ku bihumbi amajana abiri y’amarundi.

Muri iyo mirwi yafashwe n’igiporisi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko harimwo n’abagirizwa urupfu rw’umupfasoni w’intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, ubusuma bw’amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zitandatu yibwe umugore yari avuye kudandaza muri karitiye ya Carama, zone ya Kinama, mu gisagara ca Bujumbura. mu bafashwe harimwo kandi abagirizwa ubusuma bw’amabatera y’ishirahamwe Econet Leo aheruka kwibwa mu gisagara ca Bujumbura.

Inkoho zibiri abo bantu bakoresha zarafashe, hamwe n’imparati ndangamuduga bakoresha muri ubwo bugizi bwa nabi. Mu giporisi bamenyesha ko bose bariko bakorerwa amadosiye kugira bashikirizwe ubutungane.


Kumenyekanisha

1
Jewe 6-07-2017 à 11:57

Ko mutabatwewreka ama sura yabo.

2
Aristide Noris 6-07-2017 à 09:48

Ni bashirwe imbere y’ubutungane bahanwe bimwe bikwiye.
Bravo àPNB kuri ico gikorwa c’iteka bakoze.

3
kadangi 4-07-2017 à 13:55

ningorane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha