Abakeneye kuja mu mirwi itegura amatora mu ntara (CEPI) bahawe ikiringo ntarengwa

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 Kigarama 2017 saa 11:17
23925
0 0

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora bamenyesha ko abashaka kuja mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora (CEPI : Commission Electorale Provinciale Indépendante) bafise ikiringo c’ugushika kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2017 kugira babe bamaze gushikana muri uwo murwi ivyo basabwa (Dossier).

Abakeneye gushikana ivyo basabwa (Dossier) bafise gushika kuri uwu wa wa gatatu w’indwi iza, ico gikorwa kikazoherana n’isaha cumi n’imwe y’umugoroba.

Amadosiye y’abiyandikisha azoshikanwa ku cicaro c’umurwi CENI ujejwe kutegura amatora, i Bujumbura.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 muri Komine Bugendana, intara ya Gitega, umunsi yariko atanguza icese isekeza ryo gusigurira Abanyagihugu integuro y’impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rihasanzwe, zizovamwo Ibwirizwa Shingiro rishasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ko bobishiramwo ubukerebutsi n’ububangutsi mu gushiraho inzego zo kuwushira mu ngiro izo mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro, haba ku nzego z’intara no ku nzego z’amakomine.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha