Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakobwa 21 bari banyurujwe na Boko Haram bashikirijwe imiryang (...)
 Abakobwa 21 bari banyurujwe na Boko Haram bashikirijwe imiryang yabo
 Abakobwa 21 bari banyurujwe na Boko Haram bashikirijwe imiryang yabo
				
				lundi 17 Gitugutu 2016, par
Abavyeyi bashikiriye kuri uwu w’Imana abakobwa babo 21 b’abanyeshure bari bamaze 
imyaka ibiri bagizwe imbohe mu minwe y’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.
 
Abakobwa bashika 300 nibo bari banyurujwe bakuwe mw’ishure rya Chibok mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta ya Borno mu mwaka w’2014, aho Boko Haram umaze kwica abanyagihugu bashika ibihumbi, abarenga imiriyoni zibiri barahunga.
Mu ndwi iheze, niho Boko Haram yarekura abakobwa 21 inyuma y’ibiganiro vyafashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ku mbabare "Croix Rouge" hamwe na Reta y’Ubuswisi.
IGIHE

Messages
17 Gitugutu 2016, 23:26, par Emery Ryoryo
Yoo Biranezeye Ahubwo N’abo Bandi Croiw Rouge Nibandanye Ikora Ivyo Vyiza .
22 Gitugutu 2016, 17:49, par Jonas
Yoooo! Ubwo ntibabakoreye kubintu babebatabanduje vh