IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Jean Pierre BEMBA yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

RDC: Jean Pierre BEMBA yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Tuesday 4 September 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko iyo ngingo yafashwe na sentare ije ishimangira icemezo cafashwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora murico gihugu wo kwankira Jean Pierre BEMBA kwitoza mu kibanza c’umukuru w’ighugu ,uyo murwi washikirije ko adakwije ivyangombwa.

Ayo makuru avuga ko bimwe muvyatumye yankirwa kuja murayo matora aruko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamwagirije icaha co guha igiturire ivyabona mu rubanza rwiwe.

Jean Pierre BEMBA yahoze ari umukuru w’abagwanyi mu nyuma aba umwe muvyegera vy’umukuru w’igihugu muri Kongo aheruka kwezwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha inyuma y’imyaka 10 afunzwe.

Jean Pierre BEMBA yari mu bantu bahabwa amahirwe yo kuzotsinda amatora yimirije,yari yagarutse mu gihugu ciwe mu kwezi kwa Myandagaro guheze aho yakiranywe igishika n’isinzi ry’abantu bamushigikiye.
.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.