Accueil > Amakuru > Abakongomani barenga 360 bahungiye mu Burundi
 Abakongomani barenga 360 bahungiye mu Burundi
 Abakongomani barenga 360 bahungiye mu Burundi
				
				lundi 26 Munyonyo 2012
Abakongomani bavuga ururimi rw’i kirundi barenga 360 baramaze guhungira mu Burundi mu ntara ya Cibitoke kuva ku munsi wa gatanu. Bavuga ko bahunga ingwano zihuza ubwoko bwabo hamwe n’umugwi w’abagwanyi witwa MAYI MAYI. Abajejwe intwaro muntara ya Cibitoke basaba imfashanyo.
Abo bakongomani basanzwe bavuga ururimi rw’i kirundi bagizwe ahanini n’abana n’abagore. Bava ahitwa Bwegera muri reta iharanira intwaro rusangi ya congo. Batanguye guhungira mu ntara ya Cibitoke ku munsi wa gatanu, gushika ubu bamaze kurenga 360.
Bemeza ko bahunze ingwano zihuza ubwoko bwabo n’urwaruka rw’abagwanyi bitwa MAYI MAYI zatanguye ku munsi wa kane italike 22 uku kwezi kwa Munyonyo nkuko inkuru ziva muri izo mpunzi zibimenyesha .
 Abo bahunze bamenyesha kandi ko hariho n’abantu baguye muri izo ntambara. Ibiziga umunani nivyo vyari bimaze gutorwa gushika kuri uyu wa mungu. 
Bavuga ko icatumye haduka intambara hagati y’amoko abiri, abavuga i kirundi n’abafurero bafise urwaruka rw’aba MAYI MAYI   ngo ni isubirizwa ry’umwami wabo yitavye Imana.  Abavuga i kirundi bashaka ko uwosubirira uwo mwami yapfuye  yoba uwuvuga i kirundi kuko n’uwapfuye ngo yavuga i kirundi, abafurero nabo bagashaka ko yoba umufurero.
Aho bashikiye  ku murwa  mukuru w’intara ya Cibitoke ngo babayeho nabi cane. Nta mazi, nta nfungurwa, nta bintu vyo kwifuka bafise, barara hanze mu mbeho. 
Anselme Nsabimana  aramutswa  intara ya Cibitoke  asaba ababishoboye bose  gufasha abo bakongomani  babandanya  bahunga  igihugu cabo.  Ibitigiri bigirwa  ku munsi ku munsi nkuko uwo mutware  abandanya  abishikiriza , kuruyu wa mbere  vyerekano ko bamaze kurenga 360  mugihe  ku munsi wa  gatanu  hari hamaze guhunga  abarenga  270.
Kubera ukubaho nabi aho  bahungiye, abana  icenda baramaze gufatwa n’ ingwara  zo gucibwamwo . Ishirahamwe  ritabara  imbabare  Croix  Rouge  niryo ririko rifasha izo mpunzi.
Gushika  ku wa  gatandatu izo mpunzi  ntizari bwaronke ikintu nakimwe  co kurya  kiretse ibisuguti vyatanzwe na   UNICEF. Kuri uyu wa mungu niho ishirahamwe mpuzamakungu  CONCERN  ryabaha  ibiharage n’umuceri.
Izo mpunzi z’abakongomani zisaba gufashwa mu kurindira ko amahoro agaruka iyo bavuye, ikindi basaba n’ uko reta ya congo yomenya ko ari abakongomani mu kububahiriza no mu kubacungerera umutekano. Abatwara intara ya Kivu y’amaja epfo muri Congo bavuga ko bamaze gufata mu minwe ico kibazo.
Si irya mbere abo bakongomani bavuga i kirundi bahungira mu ntara ya Cibitoke. Mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka, abarenga 500 bari bahungiye mu Burundi. Naho nyene hari habaye intambara mu bice vy’ikiyaya ca Rusizi. Ico gihe urwego rw’igihugu ONPRA rujejwe kwakira impunzi n’abatagira ubwenegihugu, rwarahaye ubuhungiro abarenga 300, abandi nabo basubizwa mu miryango yabo kuko vyabonetse ko ari abarundi inyuma y’amatohoza.
Emile Mworoha yigisha ivya kahise muri kaminuza, avuga ko mumyaka y’1880, ikiyaya ca Rusizi cose cari mu Burundi. Hamaze kuba imbibe mu myaka y’1930 n’1950 aho hantu haciye hegukira igihugu ca Congo, gutyo abantu bahaba nabo nyene baca baba abakongomani ariko bagumana ururimi rw’abo, imicon’imigenzo.
Raymond Nzimana
