IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura basaba kuronswa imishahara (...)

Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura basaba kuronswa imishahara yabo

vendredi 25 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa n’abo bakora isuku, uwubaserukira mw’ishirahamwe ryabo, ariwe Chantal NIKIZA niwe yatoye ayo mafaranga ku bubiko bw’iryo shirahamwe buri muri banki, ariko bakaba batashoboye kuyaronswa nk’uko vyahora bikorwa.

Abo bakora isuku babandanya bavuga ko kuva ku munsi wa mbere w’iyi ndwi bagumye basaba iyo mishahara yabo, ariko ababaserukira mw’ishirahamwe bakaguma bababwira ko bataraja kuyabikuza muri Banki.

Basaba ko boronswa imishahara yabo kugira bitegurire kugurira ibikoresho vy’ishure abana babo buca batangura amashure.

Chantal NIKIZA aserukira ishirahamwe ry’abo bakora isuku mu gisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ataraja kubikuza ayo mafaranga kuri konte, abasaba ko botenyenya gushika ku munsi wa gatatu w’indwi iza, akabizeza ko uwo munsi utazohera bataronkejwe imishahara yabo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ico mbona umukozi aberwa n’impembo mairie ya bujumbura nikwirikirane uwo chantal nikiza ntivyumvikana uburyo yotevya guhemba abajejwe guserukira amezi atatu n’imenshi none ubwo yaribajije ukuntu imiryango yabo ibayeho?Mairie yoshira ku ma comptes yabo bakozihanyuma kugira agahembo k’abo bakozi gakingirwe.

  • Murantwenza ngo isuku mu gisagara ca Bujumbura?hhhahah aba DD nibahere mugusukura ubwonko bwabo burimo umucafu mwinshi cane

  • none biyunvira kobob barabaririye amaher nibatenyenye uwomusi yababwiy iciza nukobatota akaz ngonikubera ayomafarang

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.