IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe

Abakozi 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe

mercredi 28 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abakozi bagera ku 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe n’igiporisi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri barekuwe, ariko bakaba bari baraye bose mu ntara ya Cibitoke, ku kibuga c’umupira w’amaguru. Bari bafashwe kw’itegeko rya Buramatari w’intara ya Cibitoke.

Bafashwe bari mu miduga yo mu bwoko bwa Hiace igera kw’icenda, baherekejwe n’imodoka yo mw’ishirahamwe rybakisha, GETRA. Bari bafise inyundo zimena amabuye, amadido y’amazi hamwe n’amasafuriya, bakaba bari bagiye ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda hamwe na Congo, m karere ka Rukana na Muyange.

Nk’uko bavyivugiye, bari bagiye gusitura amabuye y’ugusasa mu mabarabara yo mu ntara ya Cibitoke, ivyo Buramatari w’intara ya Cibitoke yahakanye, avuga ko ata mugambi w’ugusasa amabuye mu mabarabara yo mu Cibitoke uhari.

Mu giporisi bakaba bari biketse ko boba bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano, ari nakwo kubafata.

Buramatari w’intara ya Cibitoke, Joseph ITERITEKA yamenyesheje ko ata ruhusha bari bafise rw’ukuja gusitura ayo mabuye, baca basubizwa mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu iyo baje bava mu gisagara ca Bujumbura


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.