IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Abakozi b’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi batanze imfashanyo ku batewe (...)

Abakozi b’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi batanze imfashanyo ku batewe n’umwuzurira

Tuesday 15 May 2018

Iyo mfashanyo yakiriwe ku mugaragaro n’umuvugizi w’umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, MANIRAKIZA Alexis, igizwe n’impuzu z’abana, abakenyezi n’abagabo, hamwe n’amasabuni.

Mw’ijambo ryiwe ahejeje gushikiriza iyo mfashanyo, umuhanuzi ajejwe imigenderanire mu buserukizi bwa Amerika mu Burundi, yamenyesheje ko batanze iyo mfashanyo kuko abashikiwe n’ivyago ari ababanyi, kugira kandi bubahirize imico y’Uburundi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ati:« Abashikiwe n’umwuzurira ni ababanyi bacu. Mu mico ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburundi, harimwo ko dutegerezwa gufasha ababanyi. Nico gituma twazanye iyi mfashanyo.»

Ku ruhande rw’umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, umuvugizi MANIRAKIZA Alexis, yavuze ko iyo mfashanyo bayakiriye neza, kandi ko yobera akarorero n’abandi.

Umuvugizi w’umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, MANIRAKIZA Alexis

Alexis MANIRAKIZA avugira umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, yavuze ko uwundi wese yoshaka gufasha mu buryo ubwo aribwo bwose, ahawe ikaze, kandi ko atana kimwe co kugaya mu gihe kiza gikiza ubuzima.

«Bamwe bokwibaza ko ivyo batanze ari bito, ariko sivyo. Ikiguzi sico duhagararako cane, igikuru n’uko babikoze. Igikiza ubuzima cose ku muryango utabara imbabare Croix Rouge ni kinini.»

Mu gihe ibikenwe cane kuri abo batewe n’umwuzurira ari ibisakazo, ivyo kuduza impome, ibikoresho vyo mu nzu hamwe n’ibindi vya nkenerwa, Alexis MANIRAKIZA, avugira Croix Rouge mu Burundi, asaba abandi bose babishoboye gukora nk’abakozi bo mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi.

Mu miryango ibihumbi bitatu yahuye n’ivyago, umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, umaze gufasha imiryango igihumbi.

Christopher Smith, umuhanuzi ajejwe imigenderanire mu buserukizi bwa Amerika mu Burundi

IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.