Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa amakarata amwe y’akazi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 février 2017 saa 10:14
Yasomwe : 18036
0 0

Urwego rw’igihugu CNC (Conseil National de Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rumenyesha ko hagoye gutangwa muri uwu mwaka w’2017, amakarata ku bamenyeshamakuru. Muri urwo rwego bavuga ko abazoba bahawe ayo makarata aribo bazofatwa nk’abarangura umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi.
Urwego CNC ruvuga ko ayo makarata azotangwa inyuma y’ihinyanyurwa ry’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, kuko muri urwo rwego bamenyesha ko ririmwo utunenge. Inama (...)

Urwego rw’igihugu CNC (Conseil National de Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rumenyesha ko hagoye gutangwa muri uwu mwaka w’2017, amakarata ku bamenyeshamakuru. Muri urwo rwego bavuga ko abazoba bahawe ayo makarata aribo bazofatwa nk’abarangura umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi.

Urwego CNC ruvuga ko ayo makarata azotangwa inyuma y’ihinyanyurwa ry’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, kuko muri urwo rwego bamenyesha ko ririmwo utunenge. Inama nshikiringanji niyo izobanza kwiga iryo tegeko, mu nyuma rirungikwe mu nama nshingamateka.

Tubibutse ko habanje gutunganwa iyandikwa ry’abamenyeshamakuru bakorera mu Burundi, muri urwo rwego bakamenyesha ko iryo yandikwa hamwe n’itangwa ry’amakarata, bigamije gukingira abamenyeshamakuru ku mutekano wabo, bakavuga kandi ko muri CNC batari bazi ingene abamenyeshamakuru bangana mu Burundi, bikaba vyabagora kubafasha iyo bahuye n’ikibazo mw’irangurwa ry’akazi kabo.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha