IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana 605 nibo bamaze gukurwa mw’ibarabara kuva uwo mugambi utangujwe

Abana 605 nibo bamaze gukurwa mw’ibarabara kuva uwo mugambi utangujwe

jeudi 1er Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri ico cigwa cakozwe na FENADEB, bavuga ko muri abo bakuwe mw’ibarabara hari abamaze gusubirayo, naho muri iryo shirahamwe ata biharuro batanga vyabo.

Inyuma y’ugusubizwa mu mihana yabo, muri FENADEB bavuga ko abo bana bitaborohera gusubira mu buzima busanzwe, Reta igasabwa kubitaho, abo bana bagategurwa neza, agateka kabo kagashirwa imbere, imbere y’uko babasubiza mu miryango yabo. Bagategurirwa ingene bazosubira mw’ishure.

Imbere ikiringo cari catanzwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kugira abo bana babe bakuwe mw’ibarabara gihera, mw’ihuriro ry’amashirahamwo yitaho agateka k’abana FENADEB bari bamenyesheje ko bafise amakenga ko abazokurwa mw’ibarabara bazohava bakurwaho ku nguvu, na rirya abegwa n’ico kibazo batagishwa inama, mbere bamwe muribo bagahava basubirayo.

Muri FENADEB bari bamenyesheje ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ibice 20% vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo, nayo abarenga 60% baca basubirayo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.