Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu babiri bo mu Rwanda bishwe n’abagizi ba nabi bivugwa ko bahungiye mu (...)
Abantu babiri bo mu Rwanda bishwe n’abagizi ba nabi bivugwa ko bahungiye mu Burundi
dimanche 12 Ntwarante 2017, par
Abanyagihugu babiri bo mu gihugu c’Urwanda bishwe, uwundi umwe arakomereka mu karere ka Rusizi, nk’uko igisirikare c’Urwanda kibimenyesha. Ico gisirikare ciyamirije ubwo bwicanyi, kivuga ko iperereza ryatanguye kugira abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bamenyekane.
Ubwo bwicanyi bwabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, aho abantu bari bitwaje inkoho barashe abantu babiri, bakomeretsamwo uwundi umwe.
Itangazo ryasohowe n’igisirikare c’Urwanda rivuga ko umwe muri abo bishwe ari umwana w’imyaka 12.
- Lt Col Rene Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda
Iryo tangazo ry’igihugu c’Urwanda ribandanya rivuga ko abakoze ubwo bugizi bwa nabi baciye bahungira mu Burundi, kuko ubo bwicanyi bwabereye hafi y’urubibe Uburundi buhana n’Urwanda.
Igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze ubwo bugizi bwa nabi bumenyekane.
Igiporisi co mu karere ka Rusizi cazindukiye aho habereye ubwo bwicanyi, gikorana inama n’abanyagihugu b’aho kugira babahumurize.
IGIHE
Messages
13 Ntwarante 2017, 01:25, par Wakera
Mbe yemwe izo mbonerakure, FDLR n’interahamwe ntizihimba kunywa amaraso!!! Ibu naho rero zijabutse mu Rwanda naho kubera anaraso y’abarundi yabaye make!!! Nibaza ko mu Rwanda rutitaha bazobavugutira umuti wait and see! Bazopfa bangara abobamenja!!!! God damn them
13 Ntwarante 2017, 07:20, par Toto Kazungu.
Izonizanterahamwe zaje kwinyegeza hano muburu,zisazwe zikorana nimbonerakure.
13 Ntwarante 2017, 07:53, par kijuju
izo ni imbonerakure kuko nizo zigendana amasase ni nkoho. hemwe imbonerakure zigiye kugisivya mu karere
13 Ntwarante 2017, 08:12, par kamaro
kumbe murwanda ntamutekano bafise! birirwa babesha amahanga ngo bafise umuntekano! ahubwo UNI nirungike murwanda abasirikare bagende kurinda umutekano wabaturage kuko reta yananiwe, burimusi murwanda haratoragurwa imirambo ibiziga, kandi UNI isabe reta yurwanda ije mubiganiro nabobarwanyi....
13 Ntwarante 2017, 09:10, par Cobla rouge
Izo n’Interahamwe zikorana n’Imbonerakure,RDF nta blague barasanga muriyi myobo mwinyegejemwo, fimbo chapa
13 Ntwarante 2017, 09:19, par Cobla Rouge
Wakera Polesana Ntahorutari Ariko Tubasabe Kwihangana Nkabandi.
13 Ntwarante 2017, 10:50, par Rukundo
simbyifuza,ariko uBurundi bushobora guhura n’ikibazo niba bariyemeje gucumbikir’interahamwe baziko baturanye n’urda bazihanganire no kwirengeera ingaruka zabyo
13 Ntwarante 2017, 10:50, par Peace
Cobla rouge
13 Ntwarante 2017, 10:51, par Peace
Cobla rouge
13 Ntwarante 2017, 11:43, par rutare
mwirirwa muririmba ngo igihugu canyu ngo kirarinzwe none vyagenze gute?nimwe mwihekuye .Banyarwanda bene wacu isi ntisakaye uwariwewese yonyagirwa. Imana niyo irinda isi.murambabarire isi yose iziko urwanda ataworuvogera.ivyo biragoye kuvugako hari uwateye Urwanda akica abantu.uburundi nabwo muguma mushotora nibwo mugiye kuzira.
13 Ntwarante 2017, 12:49, par Don’t worry
@Wakera
Ubwo wewe nturi umu sans échec yavumwe apfuye yangara nka Gahini?
13 Ntwarante 2017, 18:34, par ian
cobla banza utuzuye,kandi nizeye 100% ko utaragera mu rwanda so ujy uvug ibyo Uzi ntugahubuk kuko mu rwanda turaryam tugasinzira neza
13 Ntwarante 2017, 20:20, par One
Nimba koko abarundi babifisemwo uruhara nukuri ntanyungu vyotanga kubarundi atarumuvumo
13 Ntwarante 2017, 23:18, par Masta
Pole Ncutizanj Nugukomeza Gusenga
14 Ntwarante 2017, 01:19, par Wakera
Uwo yiyita Don’t Worry!! You will be worrying about my thoughts on a daily basis!! The truth hurts! Ntakundi nimburi imbonerakure, FDLR, Interahamwe, u Rwanda nimwaguma murusotora ruzobivuna mupfe mwangara nka gahini kumwe Mgr Ruhuna yabavuma!!!
14 Ntwarante 2017, 08:40, par Leo
Banyarwanda n’Abarundi ko mwonse rimwe murapfa iki? Ni byo koko turi mu bihe bigoye mu byerekeye umubano w’ibihugu byacu ariko ntitwibagirweko ibiduhuza aribyo byinshi .Mbe umunsi imigenderanire izongera kuba myiza aba batukana ntimuzakorwa n’ikimwaro? AMAHORO ku bihugu byacu byombi.
14 Ntwarante 2017, 21:13, par Savima
Haaaaa! Akonagasotoro
14 Ntwarante 2017, 22:49, par Nzura
Nonenubu ababikozentibarafatwa?boba bafise umugambiwokubikoranan,abarundi?
14 Ntwarante 2017, 23:37, par Proud to be Rwandan
Iyi mbwa yitwa WAKERA twamenye ko ifite andi mazina(mob,cobra rouge,kijuju,tari,falcon,...). Ni umuntu umwe mujeri uhinduranya amazina
15 Ntwarante 2017, 05:58, par Hutsi
@ One, ndakwemereye ntabarundi babifisemwo uruhare kuko umuvumo urwanda rwaraye rukuye mukugimbagura beneburundi urugeze kure, nibazako uwomuvumo uzoheramurwanda aruko akarwi karaho kabanyarwanda kagisibije gahagaritse maze mubiyaga binini twongere dusabane/dusangire nkukotwamye.
15 Ntwarante 2017, 15:24, par Proud to be rwandan
Wowe wiyise proud to be Rwandan , nta munyarwanda ufite umuco utukana ibi biragaragara Ko ufite ibitekerezo bya giterahamwe nimbonerakure Ni copy paste . Hanyuma rero Abarundi nabagira inama yo kureka kwambuka umupaka muza kumena amaraso mu rwagasabo kko muzabihomberamo mbaye mbibabwiye kare muzahura numuriro wa RDF nta blague igira igisirikare cya mbere kuri discipline ntabwo ari nkababandi banyu birirwa banywa
Icupa mu muhanda
15 Ntwarante 2017, 21:39, par SIRIVESI
TURAREMESHEJE.ABABUNZE.NIBIHANGANE
16 Ntwarante 2017, 13:20, par Faida
Bana b’ Imana mugume mwibuka ko: Ubwo Butegetsi ku mbande zibiri ari mu Burundi canke ari mu Rwanda buzohera bukava k’ ubutegetsi ariko ibihugu bikahaguma ninaco gituma mwebwe abaturage mutakwiriye kwankana.
17 Ntwarante 2017, 22:17, par Ezechiel Sabushimike
None Nigiki Cemeza Ko Abobantu Bishwe N’abarundi?
19 Ntwarante 2017, 11:00, par Singirankabo Fulgence
Pole
20 Ntwarante 2017, 05:39, par WANGOZI
BABISH HAGEZ 01H? BAJAHH