IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu batatu batowe ibiziga mu bibanza bitandukanye

Abantu batatu batowe ibiziga mu bibanza bitandukanye

mardi 24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikiziga ca mbere catowe ni ic’umugabo azwi kw’izina rya NTANGURANWA Leonce w’imyaka 58. Ico kiziga catowe muri komine Mukike, intara ya Bujumbura rural mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Abanyagihugu nibo bakibonye ubwa mbere baca batabaza abajejwe umutekano. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.

Ikiziga kigira kabiri catowe ni ic’umwana w’umwigeme w’imyaka ibiri catowe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha y’icumi, muri komine Kiremba, ku musozi Nyamarobe, mu ntara ya Ngozi. Uwo mwana azwi kw’izina rya NZOYIHIKI Clémentine, ikiziga ciwe kikaba catowe kireremba ku ruzi Buyongwe.

Umuntu agira gatatu yatowe ikiziga ni uwitwa RWASA Emmanuel w’imyaka 28. Mu giporisi bamenyesha ko ikiziga ciwe catowe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro. Nk’uko mu giporisi bavyemeza, ico kiziga catowe ku rugo rw’uwitwa NZEYIMANA ruri ku musozi Nyagatovu, komine Vumbi, mu ntara ya Kirundo. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga kandi Gerenade yatowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu murima w’uwitwa NDUWIMANA Jean Paul uri ku musozi Cihonda, komine Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi. Iyo gerenade yaciye ishikirizwa uwutwara igiporisi muri iyo komine Gashikanwa.

Muri iyo ntara ya Ngozi nyene, igiporisi kivuga inzu y’uwitwa MPFUKAME Alexis yaturiwe n’abantu bataramenyekana, ku musozi Musumba, komine Gashikanwa. Amatohoza yatanguye, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.