IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Abanyagihugu basabwa kudaheba gukoresha amafaranga matomato

Abanyagihugu basabwa kudaheba gukoresha amafaranga matomato

mardi 23 janvier 2018

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero, Clément Butoke atwara igisata kijejwe gukurikirana ingene ifaranga rikora n’ingene risohoka mw’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi, amenyesha ko ibingorongoro vya cumi biriho kubwinshi mu bubiko bw’ibanki nkuru y’igihugu, agasaba abanyagihugu guheba ingeso yo kwanka canke gufata minenerwe ifaranga.

Clément Butoke arasaba ko abarundi boheba inyifato yo kuza baraheba amahera, akamenyesha ko n’amabanki yikorera ivyabo afise ibingorongoro bikwiye.

Imyidogo y’abanyagihugu ikaba yatanguye kuva aho ibiciro vy’igitoro co mu bwoko bwa esansi bidugiye, amafaranga yo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura nayo akava ku 350 akaja ku 380 y’amarundi, ariko bakarihishwa 400, insiguro itangwa ikaba ari uko ibingorongoro vya cumi bitaboneka.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.