IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubutunzi > IFARANGA > BRB yahagaritse ingingo yabuza gusaba kugurura amashirahamwe adandaza (...)

BRB yahagaritse ingingo yabuza gusaba kugurura amashirahamwe adandaza amafaranga y’agaciro

Tuesday 30 October 2018, by vianney

Mw’itangazo umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu umwaka wa 2018,Jean CIZA avuga ko ingingo yo guhagarika gutanga impusha ku mashirahamwe mashasha agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ivuyeho ku bagwizatunga kugurura ayo mashirahamwe ku mbibe z’igihugu.

Jean CIZA avuga ko amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ku mbibe z’igihugu atarekuriwe kwimurira ibikorwa vyayo ku mirwa mikuru y’intara canke mu gisagara ca Bujumbura.

Uyo mukuru w’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi asaba ko ibikorwa vyo kugura no kugurisha amafaranga y’agaciro bitegerezwa kubahiriza no kwisunga ametegeko abigenga.

Ingingo yo guhagarika kwemerera amazu agura akongera akadandaza amafaranga y’agaciro yari yafashwe mu mwaka wa 2016.


IGIHE

Forum posts

  • Ngira uwari yafashe iyo ngingo ntiyari azi ingaruka mbi bizogirira ibanki y’igihugu, gushika aho yari isigaye yera / igaragara. Inkozi z’ikibi zirondererwa aho zitari kuko n’uyo ni inkozi y’ikibi.

  • Busurahende bavuze ko bakuyeho ibihano ntibavuze ko I bank yarisigaye yera rero ivyo uvuze wabisomye wenyene,?,?

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.