IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bo mu Kigwati co mu Kagaragara basaba kwerekwa ahandi (...)

Abanyagihugu bo mu Kigwati co mu Kagaragara basaba kwerekwa ahandi boja

mardi 21 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Imiryango amajana atanu igizwe n’abantu bagera ku bihumbi bibiri yatanguye kwitegurira kuva mu Kigwati ca Kagaragara kiri mw’ishamba cimeza rya Rukoko riri muri Zone Buringa, Komine ya Gihanga, mu ntara ya Bubanza. Iyo miryango ivuga ariko ko naho yategetswe kuva muri ico kigwati, ata handi ifise izoja.

Ikiringo bari bahawe kugira batangure kuva muri ico kigwati caheranye no kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2017, bamwe muri abo bantu bakaba mbere kuri uwu wa mbere bari batanguye kubomora inzu zabo, ariko bakavuga ko batabona aho bagiye kuja, kuko babaye muri ico kigwati kuva ku ntwaro ya cami.

Mu nama y’umutekano yabaye kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2017, iremeshejwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI, uwo kwivuna abansi Emmanuel NTAHOMVUKIYE hamwe n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE, abo bashikiranganji basavye abo bantu kuva aho mu Kagaragara ku mvo z’ugukingira ibidukikije hamwe n’umutekano.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko Reta yafashe iyo ngingo mu ntumbero yo kubakingira no gukingira ishamba cimeza rya Rukoko, Reta ikavuga kandi iriko irondera ahandi bokwimurirwa.

Abo banyagihugu bo mu Kagaragara bakaba bagirizwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza ko borohereza imirwi ihungabanya umutekano, yinjira i Gihanga iciye aho mw’ishamba cimeza rya Rukoko.


IGIHE

Messages

  • NIBABARABIRE AHANDI RERO KO BAHABAYE KERA! NONE BOJAHE NABAHUNZE KO BARIKO BARAZA!

  • Jewe namye mvuga yuko kwabo ba DD =@ DD kwa tavyabo, igikorwa cabo nico kuburabuza abenigihugu gusa! umuntu azopfe atacashitseko, kotuzi aboba DD igihe baribakirimwishamba, kwabobantu baribasazwe ariho baba?, koreta yicogihe itabirukanye?kandi ariyo nzira ya bicanyi ba Nkurunziza bacamwo bavuye murikongo? ,mbega reta ntiyarizi kwabo barwanyi ariho baca? kuberiki itabimura? bisigura yuko reta yicogihe niyo yakunda abanyagihugu, ikabubahiriza nomuvyabo. Nayiyi reta yunomusi niyo gusambura gusa, siyo kubaka nagatoya. Nimba bagomba kubakura ahohantu, amazu babamwo bayabubakiye? kugira nimba bavuye munzu bashikire muyindinzu?, jewe namye mvuga yuko atamigambi irashe bafise!, naboguhagarara kuvyubahiro bafise gusa. icambere kwi mura umuntu aho yarasazwe abaye, ubanza kwi cara ukiyumvira ibishobora kumuntunga mubuzima bwiwe kuko ivyononekara biba arivyishi cane. ca 2 gutegura ibishobo kumutunga mukiringo cumwaka canke mumezi 6, ca3 kumwubakira inzu yiwe yateshejwe, 4 nokumutegurira ahazoshobora kurima akimbura ibishobora kumutunga ,benumuryango wiwe,ca 5 gupima amatongo ya burimuntu yarasazwe afise kugira aronke nkarirya yarasazwe afise. Mubihugu bimwebimwe bisazwe vyubahiriza agateka kazina muntu, ntibashobora kwimura umuntu batamuteguriye ahashikira kandi hasuvya nagaciro aho yarasazwe abaye. Ariko haniwacu, umutegetsi ivyo yaraye yiyumviriye kuburiri bwiwe namugore wiwe nivyazana, akasesa mubanyagihugu aribibi arivyiza, ntakwiga ingaruka mbi ishoboragushikira abobantu mwako kanya!,ico nico kikibuze haniwacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.