Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi 127 birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya
 Abarundi 127 birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya
 Abarundi 127 birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya
				
				dimanche 10 décembre 2017
14 bava mu ntara ya Makamba,19 mu ntara ya Rutana,4 mu ntara ya Rumonge,2 mu ntara ya Bururi,14 mu ntara ya Gitega,38 mu Kayanza,30 Karusi, umwe mu Kirundo,4 mu Ruyigi.
Amakuru ava mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko abo barundi birukanywe na Tanzaniya, bari bamaze umwaka bapfungiwe mu gihugu ca Tanzaniya, kuko bari bahabaye muri Tanzaniya ata mpapuro zibaha uburenganzira bwo kuhaba.
 
Abo barundi ubu bari ku rubibe rwa Tanzaniya n’Uburundi,I Mugina,aho bariko bakorwako amatohoza.
MUGISHA Van Naris

Messages
12 décembre 2017, 06:54, par Busurahende
Ko bose umengo baracari bato, kandi bakaba bafise igitsina gabo uko iyo foto ibirekena ? Birateya amakenga.