IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahungiye muri Tanzaniya basabwe ko botahuka

Abarundi bahungiye muri Tanzaniya basabwe ko botahuka

jeudi 20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije i Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu Burundi hari amahoro, ahamagarira abarundi bari mu makambi y’impunzi gusubira mu gihugu cabo kugira baterere agacumu k’ubumwe mu kwubaka igihugu c’Uburundi.

JPEG - 38.8 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya Mchemba MWIGULU yamenyesheje ko Tanzaniya yakiye impunzi z’abarundi kuva kera kandi ko mu myaka ya 2006 na 2007 abarundi barenga ibihumbi 160 baronkejwe ubwenegihugu bwa Tanzaniya.

Mchemba MWILURU yavuze ko kuva mu mwaka wa 2015 Tanzaniya yakiye impunzi z’abarundi, abakiri muri ico gihugu bakaba bagera ku bihumbi 247, kuko hari abagera ku bihumbi 150 bamaze gutahuka, akavuga ko hari n’abandi ibihumbi bitanu bamaze kwiyandikisha kugira batahukanwe.

Mwomenya ko urwo rugendo ari urwa mbere umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akoze hanze y’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 aho haba igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bwiwe mu gihe yari mu gihugu ca Tanzaniya nyene.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.