IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abaserukira ibihugu vya Afrika muri ONU basaba Donald Trump gusaba (...)

Abaserukira ibihugu vya Afrika muri ONU basaba Donald Trump gusaba imbabazi

samedi 13 janvier 2018

Mw’itangazo abo baserukira ibihugu vyabo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2018, bamenyesha ko biyamirije bivuye inyuma amajambo akumira ashingiye ku rukoba yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump, nkuko vyashikirijwe mu binyamakuru.

Abo baserukira ibihugu vyabo muri ONU, bamenyesha ko barajwe ishinga n’uko ibikorwa vyo gukumira bishingiye ku rukoba bibandanya kwiyongera kuri Afrika, n’abimukira bamuka ku mugabane wa Afrika.

Abaserukira ibihugu vyabo vyo ku mugabane wa Afrika muri ONU bamenyesha ko bifatanije n’igihugu ca Haiti, hamwe n’ibindi bihugu biriko bikorwako n’ikumirwa risa n’iryo.

Abo baserukira ibihugu vya Afrika mw’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bavuga ko bashigikiye ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’bandi bose barajwe ishinga n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bemeza ko bashigikiye ubutandukane bw’abantu, bagashimira kandi abanyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika biyamirije ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Dnald Trump.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.