IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza baburanira ababuze ababo mu 2015 barashigikiye ivyasabwe na (...)

Abashingwamanza baburanira ababuze ababo mu 2015 barashigikiye ivyasabwe na ONU

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwo runani rumenyesha ko abantu bashika ku 500 batanze ivyemeza ku mabi yakozwe vyerekana ko ihohoterwa ryakozwe ku bantu ryateguwe muri ico kiringo.

Uwo murwi w’abashingwamanza ubandanya uvuga ko iruhande y’ibirego 800 wakiriye, ko hari n’ibindi birego 600 uheruka kwakira imbere y’inama yabaye ku wa 5 Nyakanga uwu mwaka. Bashikiriza ko ivyo birego bazoca babishikiraza izindi nzego z’ubutungane mu kwubahiriza no kudashira ahabona isoko ry’ahavuye ibirego, nk’uko amategeko abitegekanya.

JPEG - 61.4 ko
Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza

Abo bashingwamanza bavuga kandi ko bazobandanya ibikorwa vyabo bijanye no guharanira ubutungane, kugira amahoro aboneke mu Burundi, mu ntumbero yo kugwanaya ayandi mabi yoshobora gukorwa nk’ayibonekeje muri uwo mwaka.

Abo bashingwamana baburanira abanyagihugu bakozweko n’ubwicanyi bwo mu mwaka wa 2015 bamenyesha ko bazobandanya urugamba biyemeje, mu gushira imbere itegeko ribuza kwica n’ugusinzikaza ubuzima bw’umuntu, ari naco gituma basaba ko abagirwa n’icaha icarico cose ko borengutswa intahe ikabakubita mu gahanga.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.