IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare b’Abarundi muri AMISOM bagiye kuronka ikindi gice c’imishahara (...)

Abasirikare b’Abarundi muri AMISOM bagiye kuronka ikindi gice c’imishahara baheraniwe

mercredi 24 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho Reta y’Uburundi yankiye ko iyo mishahara y’abasirikare b’Abarundi yoza irashikira ku bubiko bwabo nyene, umwumvikano wahabaye uvuga ko ayo mafaranga y’imishahara yohabwa ubumwe bwa Afrika, kugira arungikwe muri Banki BANCOBU y’i Bujumbura, iyo nayo ikaba ariyo ica iyashikiriza abasirikare b’Abarundi.

Amasezerano hagati y’Uburundi n’ubumwe bwa Afrika yateweko umukono mu mwaka w’2007 avuga ko Uburundi bwiyemeza kurungika abasirikare kugarukana amahoro muri Somaliya, ubumwe bwa Afrika nabwo bukiyemeza gukurikirana ibikorwa vy’abo basirikare ku rubuga, yaba kubategurira ibikorwa, kubaronderera imishahara bahembwa, kubavuza, ugutegura ingene babisikanya n’abandi, hamwe n’ugutanga indishi y’akababaro ku miryango yaburiyeyo abayo.

Ubumwe bwa Buraya bwari bwafashe ingingo ko Abasirikare b’Abarundi barungikwa kugarukana amahoro muri Somaliya bazohora bahembwa mu bubiko bwabo amafaranga y’imishahara bakorera, atabanje guca muri Reta y’Uburundi. Ukutumvikana hagati ya Reta y’Uburundi n’ubumwe bwa buraya kuri ico kibazo, kwatumye abo basirikare bamara amezi agera kuri 11 badahembwa, Uburundi bumenyesha ko badahawe amafaranga y’imishahara yabo yose, bazoca bakurwa aho muri Somaliya.

Reta y’Uburundi yashikirije ko itarota yemera ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya ibashikira itabanje gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Muri Reta bashikirije ko amasezerano y’ukurungika abasirikare muri AMISOM avuga ko ingabo ziguma zihembwa n’ibihugu vyazirungitse.

Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yasiguye ko mu gihe ayo masezerano yohinduka, abasirikare b’Abarundi bagahembwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, vyogira ingaruka zikomeye ku burongozi hamwe n’indero, kuko nk’uko yabishikirije, umusirikare iyo utakimuhemba, bigorana kumusuzuma hamwe n’ukumugenzura mu bikorwa vyiwe.

Abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya bari baheraniwe amafaranga agera ku miriyoni 61 z’amadorare y’abanyamerika, n’ukuvuga ko bamaze amezi agera kuri 11 bataronswa imishahara yabo. Umwe wese muribo akaba yari yandikiwe ku kwezi amafaranga y’abanyamerika agera ku gihumbi kimwe kirenga gato (1028 dollars), ni ukuvuga imiriyoni hafi zibiri n’ibihumbi amajana indwi mu mafaranga y’amarundi.

Mu mezi cumi na kumwe bari baheraniwe, ubumwe bwa buraya bumaze kurungika amezi atatu muri Ruhuhuma, hamwe n’amezi indwi agiye guhabwa mu minsi ya vuba abo basirikare.

Uburundi bwatanguye kurungika abasirikare mu gihugu ca Somaliya kuva kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2007. Nico gihugu ca kabiri gifise abasirikare benshi muri Somaliya (abagera ku 5400).

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.