IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare n’abaporisi 18 bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi

Abasirikare n’abaporisi 18 bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi

mardi 18 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru ya Komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura iheruka gufata ingingo y’ukugumiza mu munyororo abaporisi hamwe n’abasirikare cumi n’umunani bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, uguhungabanya umutekano w’igihugu, ugutunga ibirwanisho badafitiye uruhusha, hamwe n’ugukorana n’imirwi ihungabanya umutekano w’igihugu.

Bose bafashwe kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2016, bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, bakaba bafatiwe ingingo y’ukubandanya baburana bapfunzwe, ariko bakaba bashobora kwunguruza mu kiringo kitarenga amasaha 48. Ab bapfunzwe ni umurwi wa kabiri wagirizwa icaha c’ugushaka gutembagaza ubutegetsi, aho akaba ari mu gihe umurwi wa mbere w’abagirizwa ico caha nyene, barongowe na General Major Cyrille NDAYIRUKIYE, bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bafashwe bagizwe n’ibisongerezi (Sous-officiers) hamwe n’abasirikare bato (Hommes de troupe), ababikurikiranira hafi bagatangazwa n’ingene abasirikare batarimwo intwazangabo n’imwe botegura uguhirika ubutegetsi, mu gihe n’aba "Generaux" vyabananiye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi, abo basirikare n’abaporisi bari mu murwi umwe n’umusirikare Adjudant Eddy Claude NYONGERA aheruka gupfira mw’igendereza ry’Uburundi, mu buryo bwatangaje benshi, ariko OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba yamenyesheje ko uwo musirikare yiyahuye.

Abo basirikare n’abaporisi bapfunzwe bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ni :

1. Albet Kitaburaza (Adjudant-Major)
2. Anicet Bigirimana (BPC2)
3. Thadée Gahungu (Adjudant)
4. Ferdinand Masabo (Adjudant)
5. Innocent Girukwigomba (BPP1)
6. Claver Ndayizeye (OPP1)
7. Hérménegilde Ngiriyabandi (Adjudant)
8. François Ngendakumana (Adjudant)
9. Célestin Nsabimana (Caporal-chef)
10. Pascal Nshimirimana (Caporal-chef)
11. Eric Manirakiza (APC)
12. Révérien Mayoya (APC)
13. Félix Nyandwi (APC)
14. Basile Ndikuriyo (APC)
15. Christophe Ciza (APN)
16. Pontien Ndayikunda (APN)
17. Adronis Nduwayo (Adjudant)
18. Jean de Dieu Nduwumwami (Adjudant)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.