IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatembereza ingenzi mu bibanza vy’iratiro bagiye guhabwa inyigisho

Abatembereza ingenzi mu bibanza vy’iratiro bagiye guhabwa inyigisho

mardi 12 décembre 2017

Leonidas HABONIMANA avuga ko abakozi mu gisata c’ingenzi bariho, ariko nk’abajejwe gutembereza ingenzi naho bariho, benshi ata bumenyi babifisemwo kuko bataronse inyigisho z’ingene bikorwa.

Umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’ingezi mu bushikiranganji bw’ubudandaji avuga ko bikenewe ko abakira ingenzi bokwitegura neza, kugira bashobore kwakira neza ingenzi zigendera ibibanza vy’iratiro.

Naho izo ngenzi zoba zaje, Leonidas HABONIMANA avuga ko hakiri ikitagenda neza kuko ibibanza vy’iratiro biriho mu gihugu cose, ariko abatembereza ingenzi babifisemwo ubumenyi akaba atabariho.

Leonidas HABONIMANA avuga ko mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo bibazo vyose, hari umugambi wo kwigisha abajejwe gutembereza ingenzi mu bibanza vy’iratiro bashika 250, mu kiringo c’amezi atatu kuva mu kwezi kwa mbere 2018, kugira n’imiburiburi ikomine yose mu gihugu izobe ifise uwutembereza ingenzi.

Mwomenya ko mu Burundi bwose hari ibibanza vy’iratiro 126.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.