IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abigisha bataraja aho barungitswe gukorera basabiwe kwirukanwa

Abigisha bataraja aho barungitswe gukorera basabiwe kwirukanwa

lundi 30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

NDAYISHIMIYE Evariste avuga ko bibabaje kubona hari abigisha bemera guhembwa amafaranga ya Reta, ariko bakanka kuja kwigisha abana b’igihugu. Abo batarubahiriza iyo ngingo ya Reta basabiwe ko bokwirukanwa, bagasubirizwa n’abandi.

"Kubera iki mushaka kwigisha abana b’abakuru gusa, mudashaka kwigisha abana ba nyarucari kugira nabo bave muri birya vya nyarucari batere imbere. Nico gituma umuntu akorera Reta, yanse kuja iyo Reta imurungitse, mu mugambwe CNDD FDD twasavye Reta y’uko uwo muntu aba yahimvye akazi bamukura bakazana uwundi agashaka."

JPEG - 41.3 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Bamwe mu baserukira abigisha, nka Sendika SEPEDUC : (Syndicats des Enseignants professionnels), bamenyesheje ko igikorwa c’ugukwiragiza abigisha mu bibanza bakenewemwo cakozwe nabi, kuko hari abarungitswe gukorera mu yindi mihingo usanga ifise abigisha benshi gusumba aho bavuye.

Gerard NIYONGABO aserukira Sendika SEPEDUC atanga akarorero ku bavuye muri komine Songa barungikwa i Karusi kandi hagufi yabo vyari gukunda ko baronka akazi. Ubundi burorero atanga n’ubwo mu ntara ya Mwaro kw’ishure shingiro rya Muramba komine Ndava, aho abigisha baho bajanywe ahitwa mu Gatwe, mu gihe abayobozi babo bemeza ko abo bigisha batari basabwe. Abo baserukira abigisha bavuga ko ico gikorwa caranzwe n’akarenganyo.

Evariste NDAYISHMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD siko abibona. Amenyesha ko umukoresha arungika umukozi aho ashatse hose.

"Hari abama bivugisha ngo ni akarenganyo. Nta karenganyo karimwo. Iyo umuntu ari umukoresha, akoresha umukozi aho ashaka. Iyo yanse gukora harya wamuhaye ikivi uca uvuga uti taha, ugaca uzana uwundi ashaka gukora kirya kivi."

Evariste NDAYISHIMIYE arakebura abigisha batarashika ku mirimo, ku mashure barungitsweko.

"Aha ngira nkebure abigisha. Hariho abigisha barungitswe kwigisha ahantu, bahamara indwi baca barasubira inyuma. Benegihugu, bagumyabanga tubarereke, tuze tubarege muri Reta ibirukane. Hanyuma hariho abandi bakeneye ako kazi, bazogakora."

Uwo arongoye umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu avuga ko Reta yatunganije amahera yo kwigisha umwana, ariko ko itatunganije ay’ugutanga ku buntu.

"Urya mushahara si uwa mwarimu, ni impera baha mwarimu ko yigishije umwana. Abana rero batize nta kamaro k’uko mwarimu ahembwa.", uko niko Evariste NDAYISHIMIYE asigura.

Ivyo Evariste NDAYISHIMIYE yabishikirije kuri wa gatandatu, inyuma yo gutanguza ibikorwa vyo kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kirundo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Generali atwara Umugambwe CNDD-FDD waje gucura abanyagihugu bufuni na buhoro ntaco avuze ngaho. Aho yotanze iciyumviro c’uko abarenganijwe kubera abategetsi batabiyumvamwo aho bakorera bagaca babangaza iyo batazi, ngo nta kubaha imishahara. Umengo ni amahera yaje atahukanye avuye mu kibira. Uwomushikiriza abo barimu yoca abarasa, kuko nivyo bashoboye.

  • Ramba ramba Munyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD turabashigikiye, iyo redéploiement yabaye hatisunzwe umugambwe umwigisha akomokamwo. Vyabaye hari abatwara ama syndika et toutes les parties prenantes mbere n’abigisha ariho bari ku buryo uwufashwe n’ingingo yaca avyibonera ko biri clair, niko vyabaye i MUTUMBA-KARUSI. Ramba ramba

  • Kuva ryari uwutegeka umugambe atinyuka kuvuga ivyokavuzwe na Ministeres y’Indero hamwe ni y’Abakozi?inyeshamba n’inyeshamba kweli,nta plan d’action agira mri discours ziwe,i puuu

  • Iyimbones kumengo iri mukuvyara! urabona iyonyaga ukwingana imbere yabo banyakirundo bishwe na KIGOYI! Bazopfa bangara nkagahini kubera amabi bakoze! Ivyabigisha barungitse iyo imbonesi zibatsinda nibabe baratenyenya ntamvura idahita na DIABETE canke Hypertension ntamisi bizomumaza!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.