IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abirukanwe muri Tanzania baridogera abajejwe intwaro

Abirukanwe muri Tanzania baridogera abajejwe intwaro

lundi 8 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

V.M avuga ko yirukanwe inyuma y’imyaka ibiri yari amaze mw’ikambi y’impunzi muri Tanzaniya. Yemeza ko imbere y’uko yirukanwa, yakora ubuzi bubayabaye muri ico gihugu, kugira ashobore kuronka ibimutunga.

Uwo aheruka gushika mu gihugu c’Uburundi yemeza ko umunsi yirukanwa, abaporisi b’igihugu ca Tanzaniya bamutwaye amafaranga yari afise agera ku bihumbi amajana abiri vyo muri ico gihugu, bamutwara n’impuzu ziwe hamwe n’ama terefone ngendanwa.

Uwo murundi avuga ko yabanje n’ugupfungwa, agasaba ko abategetsi ba Tanzania boza barubahiriza agateka k’abanyamahanga, kuko nabo nyene bubahwa iyo bariko barangura imirimo itandukanye mu Burundi.

"Nk’uko nabo baza aha iwacu bakarondera, natwe nibatwubahe. Umunyarwanda ashitse mu Burundi nta kibazo, uwo muri Congo ni ukwo nyene. Ariko muri Tanzaniya uhashitse barareka ugakora, mu nyuma bagaca bakwagiriza ko uba muri ico gihugu utagira ivyangombwa. N’amahera waciye ntuyatahana iyo bakwirukanye."

Abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba, ahashikira abo barundi birukanwe bavuye muri Tanzaniya, avuga ko Uburundi na Tanzaniya ari ibihugu bifitaniye umubano mwiza, ahubwo ko abarundi birukanwa n’abavuga ko bafashwe nabi muri ico gihugu aba ari abafise amakosa.

"Nk’uko abantu bameze, naho aba yafatiwe kwiba ntabikubwira. Abagenda guhungabanya umutekano bavuye mu Burundi ntibabura, baragenda kwiba. Hariya ukuntu bameze, ukubiswe ntupfe uba ugize Imana. Usanga bakubitwa n’abanyagihugu babafashe mu mihana.", uko niko Laetitia NIYONKURU, Musitanteri wa Komine Mabanda yabishikirije.


NDUWIMANA

Messages

  • Iyi mbonerakure ndsyizi yarigisibije muri Tanzania aho Leta y’icaduka yari yayitumye kugandagura impunzu zacitse ibinywamaraso! Nahora ndayibona bayambitse impuzu z’igipolisi ngaha kumugina!!!!

  • EGOTURAVYUMVISE JEW MBA TANZANIA ARIKO AMAVUKIRO YANJE NU BURUNDI KANDINDI MUNKAMBI NON KUBERIKI UWURONGOYE INKAMBI ATUBWIRA KOTWAJE KUBIBA AKATUTANGIRIZA PORISI KIRAMURUNDI WESE ASOHOTSE BAMWICE KANDI ATARYA TURONKA ZIKWIYE IYUMVIRE IBIRO BIBIRI WOBIRYA INDWI ZIBIRI? NONEKOBADUTANGIRA NTIDUSOHOKE NGOTUJE KURONDERA AMAFARANGA?

  • @wakera .Ndakuramukije nubwo bwose uri igihunyira

  • None ko ba Pacifique na ba Minani bababwira ngo hunga igihugu mwarondera iki? Ubu uburundi bwarahindutse: dufise igisirikare cizewe na Bose. Dufise umukuru w,igihugu akunda abantu Bose

  • Tanzania N’igihugu Canka Abanyamahanga Ivyo Turabizi Nkaba Ndi Mu Bahatswe Kwicwa Nabajambaz Bo Muri Tz.Bagufash Ukubitw Nkinka Ukibwa Nukwibwa.Yabumupolisi Akubony Nukwo Cank Umwene Gihugu.

  • KUB YATASHE NIRYIZ,NUK BAMWAMBUY UTWAYATUMIKIY NAY TANZANIA NU BURUNDI BABANY NEZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.