IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abitavye inama ya EAPCE’2017 bibukijwe ko iterambere rishoboka hari (...)

Abitavye inama ya EAPCE’2017 bibukijwe ko iterambere rishoboka hari amahoro

mercredi 7 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije yugurura ibikorwa vy’iyo nama, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ibihugu vy’Abakoroni ko vyokwubahiriza ubwigenge bw’ibihugu vya Afrika, ugukorana n’ivyo bihugu kubandanye ariko hari ukwubahana.

JPEG - 44.1 ko
Umukuru w’igihugu Peter NKURUNZIZA

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, Come MANIRAKIZA, yamenyesheje ko iyo nama yatanguye i Bujumbura kuva kuri uwu wa gatatu ari inama yama iba uko imyaka ibiri iheze, Uburundi bukaba buyakiriye ku ncuro ya mbere.

Yagize ati : Ni akaryo kugira bino bihugu vyacu vyo mu karere ka Afrika y’uburuko hamwe n’abakorera mu gisata c’igitoro, ko kurabira hamwe intambwe tugezeko mu guteza imbere ico gisata kijanye n’ukwimba Peterori hamwe na gaze. Iyi minsi itatu izoba akanya ko kwicarana n’abahinga batandukanye, ivyigwa bitandukanye bikazoshikirizwa kugira tugende turaraba aho tugejeje ivyerekeye guteza imbere igisata c’iterambere ry’ibihugu vyacu dufashijwe n’ukwimba, hamwe n’ugucuruza Peterori na gaze.

JPEG - 187.6 ko
Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu

Iyo nama ku bijanye n’ibitoro ibaye mu gihe Uburundi bumaze iminsi mu bukene bw’igitoro co mu bwoko bwa "Essence" na "Mazout". Umushikiranganji Come MANIRAKIZA ajejwe amasoko ntanganguvu amenyesha ko abarondera igitoro bohumura, kuko igitoro kiriko kirinjira ku bwinshi mu Burundi, akemeza ko ubushikiranganji arongoye buriko burakurikira igitera ubukene bw’igitoro, akizeza ko umuti ku bukene bw’igitoro ugiye kuboneka.

Inama igira umunani mu bijanye n’igisata c’ibitoro na peterori ihuza ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ikazomara iminsi itatu, gushika kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017.

Mu bihugu bitandatu bigize umuryang wa Afrika y’ubuseruko vyari kwitaba iyo nama, hitavye bitanu gusa, Urwanda rukaba rutaserukiwe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.